Ja ku birimwo

6 RUSAMA 2016
Rwanda

Amategeko arubahirizwa mu Rwanda

Amategeko arubahirizwa mu Rwanda

Inyuma y’imburano zitari nke, Ivyabona vya Yehova bahavuye batunganirizwa. Ivyo babikesha Umuhuza w’Urwanda be n’abacamanza bakora akazi kabo neza. Hari inyubakwa yari yasambuwe kw’itegeko ry’abarongoye igisagara ca Kigali. Sentare ntahinyuzwa yari yatsindishije Ivyabona ica ibategeka kuriha indishi y’akababaro beneyo. Ariko rero Umuhuza yasanze ako ari akarenganyo katagira izina, aca asaba Sentare ntahinyuzwa gusubira kwihweza ingingo yafashe.

Abarongoye igisagara ca Kigali basohora itegeko ryo kugisukura

Mu 2006, abarongoye igisagara ca Kigali barasohoye itegeko risaba abahaba bose gukura udukiyoske twubatse mu bibanza vya Leta, mu ntumbero yo gusukura ico gisagara. Iryo tegeko ryasaba kandi ababa i Kigali gushariza ibibanza rusangi biri inyuma y’ingo zabo no kuguma babisukura.

Iryo tegeko kandi ryasaba gusambura inyubakwa zubatswe mu buryo butemewe n’amategeko. Aho harimwo n’inyubakwa Umushingantahe Ngayabateranya yari yarubatse mu kibanza ca Leta atabifitiye uruhusha. N’ikigeretseko yari yubakishije ibikoresho n’ubuhinga bidahuye n’amategeko yo kwubaka. Igihe imisi 21 yari yatanzwe yahera ata kirakorwa, umukuru w’akarere ka Gasabo yaciye asohora itegeko ryo gusambura inyubakwa zose zidakurikije amategeko. Izo nyubakwa zimaze gusamburwa, Ivyabona vya Yehova baciye batunganya neza ikibanza cegereye ibiro vyabo, barahaca akayira k’abanyamaguru bahatera n’amashurwe. Ivyo biro vyabo biri mu karere ka Gasabo i Remera mu gisagara ca Kigali.

Sentare ikubita intahe mu gahanga Ivyabona

Abarongoye igisagara bamaze gusenyura inyubakwa ya Ngayabateranya, we n’abo bafatanije baciye bitwarira Ivyabona muri Sentare ya Gasabo, babagiriza ko ari bo bayisenyuye. Ngayabateranya n’abo bafatanije basavye indishi y’akababaro kubera inyubakwa yabo yari yasambuwe, naho nyene ata vyemeza bashikirije sentare. Ivyabona vya Yehova barerekanye impapuro zemeza ko abarongoye igisagara ari bo bayisenyuye. Naho ari ukwo, iyo sentare yarirengagije ivyo bimenyamenya ica ikubita intahe mu gahanga Ivyabona.

Sentare nkuru isubiramwo ingingo yafashwe

Ivyabona baciye bitura Sentare nkuru kugira ibarenganure. Iyo sentare imaze kwihweza ibimenyamenya vyose, yaciye ivuga ko ingingo sentare ya Gasabo yafashe ata shingiro ifise. Ku wa 5 Munyonyo 2010, Sentare nkuru yavuze ko ibirego vya Ngayabateranya n’abo bafatanije bitagira ifatiro, ica itegeka ko batanga ihadabu ingana 800.000 vy’amanyarwanda.

Sentare ntahinyuzwa yirengagiza ibimenyamenya bikomeye

Ngayabateranya yaciye yungururiza muri Sentare ntahinyuzwa y’Urwanda. Muri urwo rubanza Umunyamabanga nshingwabikorwa wa Remera yaremeje ko inyubakwa ya Ngayabateranya itari ikwije amategeko, ko ari co gituma rero yasambuwe muri wa mugambi wa Leta wo gusubira gutunganya igisagara. Iyo sentare yaremeye ko Ivyabona vya Yehova atari bo basambuye iyo nyubakwa, ariko ica ivuga ko ari bo babikokeje. Iyo sentare yarirengagije ibimenyamenya bikomeye ica ivuga ko Ivyabona bungukiye ku ruhombo rw’abandi kubera ko baciye batunganya neza aho hantu iyo nyubakwa yahora. Yaciye itegeka ko abitwaye barihwa indishi y’akababaro ingana 22.055.242 y’amanyarwanda. Ku wa 4 Ndamukiza 2013 Ivyabona barayarishe naho batemeranya n’iyo ngingo.

Umuhuza asaba Sentare ntahinyuzwa kurenganura Ivyabona

Ivyabona vya Yehova baciye bitura ibiro vy’Umuhuza kubera bari barenganijwe bagirizwa ko ari bo basenyuye inyubakwa ya Ngayabateranya. Umuhuza w’Urwanda, umupfasoni Aloysie Cyanzayire, yarihweje urwo rubanza be n’ingingo yafashwe na Sentare ntahinyuzwa.

Umupfasoni Cyanzayire amaze kwihweza ibimenyamenya vyose, yaciye avuga ko igisagara ca Kigali ari co casambuye inyubakwa ya Ngayabateranya kubera atashoboye gukurikiza amategeko y’Urwanda. Yavuze kandi ko ata mvo n’imwe yari gutuma Ivyabona bahanwa kandi bakurikije itegeko ryatanzwe n’igisagara ryo gushariza ikibanza ca Leta kiri hafi y’ibiro vyabo. Uravye ingene Ivyabona bahakoze neza n’ingene baguma bahitwararika, urabona ko ari “ikintu ciza” kandi “cerekana ko bashigikira umugambi wa Leta wo gusukura igisagara.”

Ingene hasa hatarasamburwa n’ingene hasa muri iki gihe

Ku wa 4 Kigarama 2013, umupfasoni Cyanzayire yasavye Sentare ntahinyuzwa gusubiramwo urubanza yari yaciriye Ivyabona. Umugwi mushasha w’abacamanza warumvirije urwo rubanza maze ku wa 17 Gitugutu 2014 iyo sentare ica irisubirako, isanga ibirego vya Ngayabateranya bitagira ishingiro. Yategetse ko Ngayabateranya asubiza ya mahera yari yakomorewe mu rubanza rwa mbere no kuriha amagarama ya sentare. Abashingwamanza baburanira Ivyabona vya Yehova be n’uwujejwe kumenyesha no gukurikiza imanza baracavyirukamwo kugira barabe ko boyasubizwa.

Gukingirwa n’amategeko

Ivyabona vya Yehova barashima cane ukuntu umupfasoni Cyanzayire yabafashije n’ukuntu Sentare ntahinyuzwa yemeye gusubiramwo urwo rubanza. Emwe abanyagihugu bose bakurikiza amategeko barashima ingene Leta y’Urwanda irenganura abantu kandi ikisunga amategeko.