Ja ku birimwo

2 MUKAKARO 2015
Rwanda

Sentare yo mu Rwanda yiyamiriza ugukumirwa gushingiye kw’idini

Sentare yo mu Rwanda yiyamiriza ugukumirwa gushingiye kw’idini

Mu Rwanda, sentare yo mu ntara ya Karongi yarashigikiye uburenganzira bwo gusenga aho umuntu ashatse bw’abanyeshure umunani b’Ivyabona vya Yehova. Ikirego barerwa cari ic’uko banse kugira uruhara mu bikorwa bijanye n’ugusenga vyo mw’ishure kubera ijwi ryabo ryo mu mutima.

Amashure nka yose mu Rwanda usanga acuditse n’amashirahamwe y’ivy’idini. Amwamwe muri ayo mashure usanga asaba abanyeshure kugira uruhara mu mirimo y’idini no gutanga amakori asabwa n’idini. Kubera ko abana b’Ivyabona vya Yehova banka gukora ivyo bintu, abayoboye amashure barirukanye abagera ku 160 hagati ya 2008 na 2014. Kubera ko ico kibazo kiri mu gihugu cose, ivyabaye i Karongi, mu ntara yo mu burengero, vyerekana ko abategetsi bo mu Rwanda bashobora gutorera umuti ico kibazo c’ugukumirwa gushingiye kw’idini.

Ugukumirwa gushingiye kw’idini kwaratumye abanyeshure birukanwa

Kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2014, abayoboye amashure barirukanye abanyeshure umunani b’Ivyabona, bafise imyaka iri hagati ya 13 gushika kuri 20. * Bakaba birukanywe kw’ishure ryitwa Groupe Scolaire Musango ry’i Karongi bahowe kutaja mu bikorwa vy’idini. Igihe birukanwa, abavyeyi babo baciye babimenyesha umutegetsi umwe yitwa Rwankuba, uno akaba yategetse ko abo banyeshure b’Ivyabona bosubizwa kw’ishure. Kubera ko abayoboye iryo shure batashimishijwe n’iyo ngingo, baciye biga ayandi mayeri maze bagiriza abo banyeshure ko batubaha ururirimbo ruhayagiza igihugu kubera ko bataruririmba. Kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2014, haciye imisi ibiri gusa basubijwe kw’ishure, igipolisi caraje kuri iryo shure gica kirabafata.

Ico gipolisi caciye gipfunga abo banyeshure imisi itandatu. Abapolisi barafashe nabi abo banyeshure kandi barabatuka bongera barakubita babiri muri bo bakuze babahoye ko ari bo boheje abo bana. Naho bafashwe nabi, bose ukwo ari umunani baranse kudohoka ku vyo bemera.

Sentare yambika izera abanyeshure

Kw’igenekerezo rya 9 Ruheshi 2014 igipolisi cararekuye abanyeshure indwi, kandi umushikirizamanza yarakuye icaha ku munyeshure mutoyi cane muri bose. Yamara, igipolisi caragumije mu gasho iyindi misi icenda uwari akuze kuruta abandi. Umucamanza yategetse ko yorekurwa ivy’agateganyo ariko ubutungane bukaguma bumushinze ijisho, maze urwo rubanza rugasubira kwumvirizwa igenekerezo rya 14 Gitugutu 2014.

Hageze ko urwo rubanza rusubira kwumvirizwa, umucamanza yarabajije ibibazo umunyeshure wese ukwiwe. Umwe muri bo, aserukiye abandi, yasiguriye umucamanza ko impamvu nyezina yatumye birukanwa kw’ishure idahagaze ku kuba baranse kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu ariko ko ari kubera ko banse kuriha ikori ry’idini no kugira uruhara mu bikorwa vy’idini bibera kw’ishure.

Uwo mucamanza yaciye asaba wa mushingwamanza ko yotanga ibindi bimenyamenya vyemeza ca kirego c’uko ngo batubaha ururirimbo ruhayagiza igihugu. Igihe wa mushingwamanza yavuga utundi tuntu yagiriza abo banyeshure, bano barabibeshuje mu kwerekana ko batigeze bareka kugaragaza icubahiro igihe abandi baba bariko bararirimba ururirimbo ruhayagiza igihugu.

Mu cete casahowe kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2014, iyindi sentare y’i Karongi yaremeje ko kureka kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu “bidakwiye gufatwa co kimwe no kurusuzugura canke kutarwuhaba.” Iyo ngingo yemejwe n’iyo sentare yarashigikiye amategeko, iratuma abanyeshure bambikwa izera, kandi hari aho yotuma ugukumirwa gushingiye kw’idini guhera mu mashure yo mu Rwanda.

Hasabwa kwubahiriza uburenganzira umuntu afise

Ivyabona vya Yehova bo mu Rwanda barahimbawe n’ukuntu ikibazo c’abanyeshure bo kw’ishure rya Groupe Scolaire Musango cagenze neza. Yamara, abandi bana b’Ivyabona bo ku yandi mashure birukanwa bahowe ivyo bemera usanga biba ngombwa ko bimukira ku yandi mashure. Abandi banyeshure na bo ntibashobora kubandanya biga kubera ko ahantu gusa boja kwiga ari mu mashure y’abikorera utwabo, ano na yo akaba asaba amahera y’ishure imiryango y’abo banyeshure itoronka.

Ico Abavyeyi b’Ivyabona barondera ni cokimwe n’ico abandi bavyeyi barondera: Barondera ko abana babo biga nk’abandi. Bipfuza kandi ko abana babo bagira ubuhanga, gutyo bakagira ico baterereye mu kibano. Ivyabona vya Yehova barizigiye ko iyo ingingo nziza sentare y’i Karongi yashitseko izotuma ku mashure yose yo mu Rwanda hubahirizwa uburenganzira abana bafise bwo gukora bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima no gusenga aho bashatse.

^ ing. 5 Mu Rwanda, imyaka yemewe n’amategeko y’umuntu akuze ni 21 (Ingingo ya 360 yo mu gitabu c’amategeko).