Ja ku birimwo

17 NTWARANTE 2014
Türkiye

Tirkiya yanka kwisunga ingingo zigenga ibihugu vya Buraya zijanye no kwubahiriza ijwi ryo mu mutima

Tirkiya yanka kwisunga ingingo zigenga ibihugu vya Buraya zijanye no kwubahiriza ijwi ryo mu mutima

“Umunyatirkiya wese avuka ari umusoda.” Ico civugo kirigishwa mu mashure, kigashikirizwa mu majambo y’ivya politike kandi bakagisubiriramwo kenshi abahamagawe ngo binjire mu gisirikare. Umunyatirkiya wese w’umugabo ategerezwa guca mu gisirikare, kandi haragirwa imisi mikuru igihe umuntu acinjiye. Ntibitangaje rero kubona leta ya Tirkiya yanka kwemera uburenganzira nyamukuru bwo kwanka kuja mu gisirikare kubera ijwi ryo mu mutima.

Tirkiya ni kimwe bihugu bikeyi bigize Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya bitemera uburenganzira bwo kutaja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima

Ariko rero, kubera yuko igihugu ca Tirkiya kiri mu bigize Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya kikaba kandi caremeje Amasezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, cariyemeje kwisunga ingingo zigenga ibindi bihugu vya Buraya. Kuva hasohotse ingingo y’Inama nkuru ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu mu rubanza rwahuza Bayatyan na Armeniya, Tirkiya rero yasabwa n’Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya kwubahiriza uburengenzira bwo kutaja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima. Kubera yuko Tirkiya yanse kubigira, abanka kuja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima bariko baragira ingorane muri ico gihugu.

Mu myaka 10 iheze, Ivyabona vya Yehova 55 barasavye leta ya Tirkiya kwubahiriza uburenganzira bwabo bwo kutaja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima. Kubera yuko leta yabankiye, bagumye barengutswa mu masentare, baracibwa amande y’umurengera, mbere bamwebamwe baramara imyaka mw’ibohero. Muri iki gihe, abasore 15 b’Ivyabona bo muri Tirkiya baguma barengutswa muri sentare kubera banse kuja mu gisoda.

‘Ntegerezwa kwumvira ico umutima wanje untegetse’

“Sinibaza ko leta y’igihangange yoshobora kumpatira gukora ibintu biteye kubiri n’ijwi ryanje ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya be n’amajambo yahumetswe n’Imana ari muri Yesaya 2:4, [ayo] mbona ko ntegerezwa kugamburuka.” Ayo majambo azwi cane, ayanditswe kw’ibuye riri imbere y’icicaro gikuru ca ONU mu gisagara ca New York, yerekana ko abantu banka kuja mu ntambara ‘inkota zabo bazozicuramwo ibirimisho kandi ntibongere kwiga kurwana.’ Ayo majambo ni yo Feti Demirtaş, Umunyatirkiya w’imyaka 25 yakoresheje mu gusigura igituma yari yiteguriye kwemera gupfungwa aho kuja mu gisirikare. Kubera yuko Feti ari Icabona ca Yehova, arisunga cane ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Ku bw’ivyo, Feti yararengukijwe muri sentare incuro cumi yongera arapfungwa ikiringo kirenga umwaka n’igice.

Igihe yafatwa irya mbere, umusoda w’ipete rya sereja yamutegetse kwambara impuzu z’igisoda mugabo Feti aranka. Yahisemwo kwumvira ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Komanda w’ikambi yaciye amuzana imbere y’abasoda 400 maze amutegeka kwambara za mpuzu. Yarongeye kwanka. Igihe yapfungwa irya mbere, abarinzi b’ibohero baramutukaguye, baramukubita imigere mu mutwe, ku bitugu no ku maguru bongera baramukubita amakofe.

Igihe yafatwa irya gatanu maze agapfungwa muri Ndamukiza 2006, abarinzi b’ibohero bamutegetse kwambura impuzu yiwe yo munsi kugira yambare impuzu z’igisoda. Yanse kuzambara, abo barinzi baciye bamumaza imisi ine mu kibanza co guhasha inkozi z’ikibi. Kugira bamugondoze, mw’ijoro bamubohesha amapingu ku cuma c’igitanda, ku murango na ho bakamubohera ku cuma c’idirisha. Feti avuga ati: “Nirirwa ntekewe n’ubwoba kandi mw’ijoro sinatora agatiro kubera ugutinya ivyo bari gushobora kungirira ubukurikira. Naho nari mfise intuntu nyinshi kubera ukuntu bamfata, nari niyemeje kudakora ibiteye kubiri n’ijwi ryanje ryo mu mutima.”

Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu ishigikira uburenganzira bwo kwumvira ijwi ryo mu mutima

Mu 2007, Feti Demirtaş yarituye Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, avuga ko leta ya Tirkiya yahonyanze uburenganzira bwiwe mu kumupfunga kubera yanse kuja mu gisoda abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Ku wa 17 Nzero 2012, iyo sentare yarashigikiye Feti, iremeza ko yakubaguwe yongera arakurwako agashambara, bituma agira umubabaro mwinshi. Vyongeye, iyo sentare yaremeje ko kwumvira ijwi ryo mu mutima bitumwe n’ivyo umuntu yemera mw’idini ari uburenganzira bukingirwa n’Amasezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. *

Inyuma y’iyo ngingo itomoye ya sentare ku bijanye no kwubahiriza ijwi ryo mu mutima, Feti yari yiteze ko abategetsi ba Tirkiya bohagaritse kumurengutsa agasakisaki. Nkako, leta ya Tirkiya yaramuhaye indishi y’akababaro ingana n’amahera y’Abanyaburaya 20.000 (amarundi arenga 40.000.000) nk’uko iyo sentare yari yabitegetse. Ariko rero, inyuma y’amezi ane gusa sentare iciye urubanza rwahuza Feti Demirtaş na Tirkiya, Sentare ya gisirikare ya Tirkiya yarongeye kumucira umunyororo w’amezi abiri n’igice ngo yanse kuja mu gisoda. Feti yarunguruje urubanza muri iyo sentare ya gisirikare, gushika n’ubu rukaba rutaracibwa.

Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu na yo nyene ishigikira uburenganzira bwo kwumvira ijwi ryo mu mutima

Tirkiya kandi yaranse gukurikiza ivyo Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu iherutse gusaba. Mu 2008, Ivyabona babiri ari bo Cenk Atasoy na Arda Sarkut, barituye iyo komite ya ONU, bavuga ko abategetsi ba Tirkiya bahonyanze agateka kabo mu kubarengutsa agasakisaki muri sentare ngo banse kuja mu gisoda. Mu ngingo iyo komite yasohoye ku wa 29 Ntwarante 2012, yavuze ko abo bantu “banse kuja mu gisoda ku gahato kubera ivyo bemera mw’idini” be n’uko “ukurengutswa n’ugucirwa urubanza kwabo ari uguhonyanga uburenganzira bwabo bwo kwumvira ijwi ryo mu mutima, ivyo bikaba biteye kubiri n’ingingo ya 18 y’[Amasezerano mpuzamakungu yerekeye uburenginzira bwo gufatwa nk’abandi no kugira uruhara mu gihugu ciwe] mu gace kayo ka 1.”

None abategetsi ba Tirkiya bakiriye gute izo ngingo zitomoye? Uko amezi ane aheze, * ivyo Vyabona babiri barahamagarwa mu gisoda, banse bagaca barengutswa muri sentare bakongera bagacibwa amande y’umurengera.

Ivyabona vya Yehova bo muri Turkiya bariyemeje kwisunga itegeko rya Bibiliya ribasaba gukunda bagenzi babo. Igihe basabwe n’abategetsi ba Tirkiya kwinjira mu gisoda, umwe wese ategerezwa kwifatira ingingo y’ico yokora. Feti Demirtaş n’ibindi Vyabona babona ko gufata ibirwanisho ari uguca kubiri n’itegeko rya Bibiliya hamwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima.

Abo basore bariteze ko leta yabo izokwubahiriza amasezerano yiyemeje. Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe na Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu vyiteze ko Tirkiya izoshira mu ngiro ivyapfunditswe n’izo nzego, bigatuma abategetsi ba Tirkiya bemera uburenganzira bwo kutaja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima. Mu gihe itarabikora, Tirkiya izoba iriko iraca kubiri n’ibindi bihugu bigize Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya mu bijanye no kwubahiriza ubwo burenganzi nyamukuru bwa kiremwa muntu.

^ ing. 10 Iryo si ryo rya mbere iyo sentare ikubise intahe mu gahanga Tirkiya ku kibazo kijanye no kwubahiriza ijwi ryo mu mutima. Muri Munyonyo 2011, iyo sentare yarashigikiye Yunus Erçep, uwundi Munyatirkiya w’Icabona yari amaze kurengutswa incuro 41 mu myaka 14 yagirizwa ko yanse kwinjira mu gisoda ca Tirkiya.

^ ing. 14 Leta iherutse kugabanya ikiringo co gutumako abantu mu gisoda kija ku mezi atatu.