Ja ku birimwo

27 MYANDAGARO 2014
Turkmenistan

Umuvyeyi w’akana k’imyaka ine acirirwa ku karenganyo umunyororo muri Tirkimenistani

Umuvyeyi w’akana k’imyaka ine acirirwa ku karenganyo umunyororo muri Tirkimenistani

Mu nyubakwa sentare yakoreramwo vy’imfatakibanza y’i Dashoguz muri Tirkimenistani, hari umucamanza yitwa Gagysyz Orazmuradov yaciriye urwa ngondagonde umukenyezi Bibi Rahmanova w’imyaka 33, afatiye ku birego badendekeranije. Ku wa 18 Myandagaro, Bibi, uno akaba ari nyina w’akana k’imyaka ine, yaragirijwe ko yakubise umupolisi yongera arateza akaguma. * Umucamanza yamuciriye igihano gikomeye co gupfungwa imyaka ine, apfungiwe mu gasho bapfungiramwo inkozi z’ikibi katwa.

Bafatirwa ku gituro c’amagariyamoshi

Ingorane za Bibi zatanguye ku mugoroba wo kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro 2014, igihe we n’umunega wiwe, Vepa Tuvakov, bari kumwe n’agahungu kabo baja ku gituro c’amagariyamoshi c’i Dashoguz gutora ibitabu vy’idini be n’ibindi bintu bari barungikiwe n’umugenzi wabo w’i Ashgabad. Bagiheza kwakira ivyo bintu, hari abapolisi batandatu bambaye gisivile baciye babafata babategeka ngo babereke ivyo bintu batwaye. Abo bapolisi babonyeyo orodinateri ngendanwa be n’ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova, baciye batangura kubatuka bongera babatera ubwoba ngo umwana wabo agiye kuba impfuvyi.

Bibi yaciye atangura gufata amajwi y’ivyo bariko baravuga akoresheje telefone yiwe. Abo bapolisi baciye baza kuyimwaka maze Bibi aca ayinyegeza mw’iburuzi yari yambaye. Baciye bamukwega imishatsi, baramukubita imigere, baca bamufata amaboko. Bakimufashe, umupolisi umwe yaradugije iburuzi ya Bibi aca atangura kumukorakorako mu buryo butabereye arondera ya telefone. Bibi yaramwiyamye ariko ntiyanse ko bamufata canke ngo akubite umupolisi.

Bibi na Vepa bari kumwe n’agahungu kabo

Abo bapolisi baciye babajana ku kirindiro cabo. Barasavye Vepa gusinya urwandiko bari bateguye imbere y’igihe. Yaranse. Baciye bamukubita buyoka magingo Bibi n’agahungu kabo bari mu kindi cumba. Vepa na ho nyene yaranse gusinya. Bibi na we nyene yaranse gusinya urwo rwandiko baca baramukubita. Abo bapolisi bagumije Bibi n’agahungu kabo ng’aho ijoro ryose, baca babarekura bukeye. * Bibi yaritwaye ku bategetsi b’Abanyatirkimenistani, kandi Vepa yararekuwe haheze imisi mikeyi, aho hakaba hari ku wa 11 Mukakaro. Ata n’ubwoba, igipolisi c’i Dashoguz caciye gitanguza amatohoza ngo ku kibi cakozwe na Bibi n’umugabo wiwe.

Afatwa, agapfungwa hanyuma agacirwa urubanza

Bibi yarengukijwe kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro, apfungwa kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro, aja kuburana kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro. Mu gihe c’urwo rubanza, umucamanza Orazmuradov yarerekanye ko yari n’aho ahengamiye koko. Yaguma aciramwo umushingwamanza wa Bibi igihe yaba ariko aramuburanira. Igihe abapolisi bashikiriza ibirego bivuguruzanya, uwo mucamanza yaranse ko umushingwamanza wa Bibi ababaza ibibazo. Uwo mucamanza yaranse kandi ko Vepa avuga ivyo abo bapolisi bakoreye Bibi yongera aranka kwumviriza amajwi yafashwe. Uwo mucamanza yarakubise intahe mu gahanga Bibi aca amucira umunyororo w’imyaka ine.

Bibi ategerezwa kwunguruza urubanza rwiwe bitarenze igenekerezo rya 28 Myandagaro, kandi gushika ico gihe azoguma apfungiwe ahitwa DZD-7. Hamwe urwo rubanza rwiwe batorwakira, azoca arungikwa muri ka gasho bapfungiramwo inkozi z’ikibi katwa, kumbure hakazoba ari mu bugararwa bwa Seydi. Aho azoba yatswe umwidegemvyo wiwe kandi azoba yatswe n’akaryo ko kurera agahungu kiwe mu myaka yako ya mbere ihambaye.

Naho Vepa atararengutswa, birashoboka rwose ko azorengutswa, yagirizwe ibinyoma, maze acirirwe umunyororo ku karenganyo. Hamwe ivyo vyoshika, agahungu kabo kazosigara katari kumwe n’abavyeyi bako bompi. Mbega akarenganyo!

Gutaka ubutungane

Leta ya Tirkimenistani yamye ifata nabi Ivyabona vya Yehova kandi yamye ibima ibintu vyose zina muntu afitiye uburenganzira. Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi be n’abandi bantu bubaha agateka ka zina muntu hamwe n’uburenganzira umuntu afise bwo gusenga mu mwidegemvyo, bahanze amaso Leta ya Tirkimenistani ngo ikosore ako karenganyo.

^ ing. 2 Muri ico gihugu, guteza akaguma biri kumwe no kugarariza inyamiramabi bihanishwa umunyororo w’imyaka irenga itanu.

^ ing. 6 Uwo mwana wabo yarekuwe mu gitondo co kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro aca ahabwa umuntu wo mu muryango wabo; Bibi yarekuwe mu nyuma kuri uwo musi nyene.