Ja ku birimwo

Aibek Salayev, Matkarim Aminov, na Bahram Shamuradov ni bamwe muri ivyo Vyabona bagiriwe ikigongwe

13 MUNYONYO 2014
Turkmenistan

Tirkimenistani yarabohoye Ivyabona bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo

Tirkimenistani yarabohoye Ivyabona bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo

Igitangaza co ku wa 22 Gitugutu 2014 muri Tirkimenistani: Prezida w’ico gihugu, Gurbanguly Berdimuhamedov, yaratanze ikigongwe c’ikivunga, bituma Ivyabona vya Yehova umunani bapfungurwa. Bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo. Batandatu muri bo bari bapfunzwe kubera ko banse kuja mu gisoda, bandi babiri na bo bapfungwa ku kadenderezo bazira ibikorwa vy’ugusenga barangura.

Merdan Amanov na Pavel Paymov

Abo batandatu, bafise imyaka iri hagati ya 18 na 23, bari bapfungiwe mw’ibohero riri mu bugaragwa bw’i Seydi. Merdan Amanov, Pavel Paymov, Suhrab Rahmanberdyyev na Amirlan Tolkachev bari bapfunzwe nk’abandi banyororo bose, ariko Matkarim Aminov na Dovran Matyakubov (ntari kw’ifoto) bobo bari bapfunzwe bunyamaswa, ngo ni “abantu b’ibinani” kuko bari bapfunzwe ubugira kabiri. Igihe bari mu munyororo, abo basore barasinzikarijwe ubuzima, babaho mu mimerere itoroshe.

Ba bandi babiri na bo bapfungwa ku kadenderezo, umwe ni Aibek Salayev afise imyaka 35, uwundi ni Bahram Shamuradov afise imyaka 42. Na bo nyene bari bapfungiwe i Seydi. Bari baciriwe umunyororo w’imyaka ine kubera gusa ibikorwa vy’ugusenga barangura. Uretse ko bari barenganijwe mu gupfungwa ku kadenderezo, na bo nyene barasinzikarijwe ubuzima igihe bari mw’ibohero.

Amirlan Tolkachev na Suhrab Rahmanberdyyev

Ruslan Narkuliev ni we Cabona ca Yehova wenyene agisigaye mw’ibohero muri Tirkimenistani. Yapfunzwe ahorwa ko yanse kuja mu gisoda. Haciye indwi nka zingahe apfunzwe, ni ho hatangwa ikigongwe c’ikivunga. Kumbure izina ryiwe ntiryahawe ibiro vy’umukuru w’igihugu igihe ico kigongwe catangwa. Abashingwamanza biwe bariko barakorana n’abategetsi kugira arekurwe.

Umukuru w’igihugu yarakoze igikorwa co gukezwa kandi kiranga ubugabo mu kurekura abo bantu umunani bari bapfunzwe kubera ukwizera kwabo. Ku bakunda umwidegemvyo w’ivy’ugusenga, iyo ni intambwe ikomeye muri Tirkimenistani, intambwe izotuma Ivyabona vya Yehova bakora ivyo umutima wabo ubabwira badatinya ko bohamwa canke ko bopfungwa.