Ja ku birimwo

22 NYAKANGA 2014
Turkmenistan

Inabibondo wo muri Tirkimenistani yapfunguwe

Inabibondo wo muri Tirkimenistani yapfunguwe

Bibi Rahmanova ari kumwe n’umugabo wiwe hamwe n’umwana wabo

Bibi Rahmanova yaravuye mu gasho ku wa 2 Nyakanga 2014 igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ariko yarekuwe atejejwe. Kuri uwo musi, abacamanza bo muri Sentare y’akarere y’i Dashoguz bari bihweje ikibazo ciwe. Naho batejeje Bibi ku bijanye n’ibinyoma yagirizwa, aho kumupfunga umunyororo w’imyaka ine yari yaraciriwe baciye bamucira igihano co gupfungwa ic’amaso imyaka ine * maze baca bategeka ko aca arekurwa ubwo nyene. Iyo ngingo yavuga ko abacamanza bihweje imvo zotuma akubitwa inkoni ngufi. Izo na zo ni uko Bibi ari umukenyezi akaba na nyina w’agahungu k’imyaka ine kandi ko bwari bwo bwa mbere akora icaha.

Bibi yituye iyo sentare inyuma y’aho ku wa 18 Myandagaro yagirijwe ko ari inkozi y’ikibi hisunzwe ibirego badendekeranije vy’uko yakubise umupolisi yongera arateza akaguma. Igipolisi carasambishije Bibi n’umugabo wiwe, Vepa, kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro ku gituro c’amagariyamoshi c’i Dashoguz bahejeje kwakira ibintu bari barungikiwe, bino bikaba vyari birimwo n’ibitabu nka bingahe vy’idini. Vepa ntibabandanije kumukurikirana. Yamara, Bibi we yaciye apfungwa ku wa 8 Myandagaro. Igihe yari apfunzwe, yarakubiswe cane.

Akarenganyo ko muri Tirkimenistani gashirwa ahabona

Umushingwamanza w’umunyamahanga yaburanira Bibi yavuze ko kuba Bibi yararekuwe vyavuye ku kuba amakungu yarasemereye ko ubutungane bwokora ku bijanye n’ipfungwa ryiwe ryabaye ku karenganyo.

Bibi si we Cabona ca Yehova wenyene wo muri Tirkimenistani amaze kurenganywa. Ivyabona bama bimwa bimwe bikomeye uburenganzira bw’ishimikiro zina muntu wese afise. Hari Ivyabona umunani bapfunzwe bazira ukwizera kwabo. Batandatu bazira kuba baranse gukora ibikorwa vya gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima, babiri na bo bagirijwe ibirego vyadendekeranijwe. Babayeho mu buryo buteye akagongwe kandi barakubagurwa ku mubiri.

Birashimishije kuba abacamanza ba sentare y’akarere y’i Dashoguz baratezuriye Bibi, ariko barananiwe no gukosora akarenganyo yagiriwe. Abubahiriza agateka ka zina muntu bizigiye ko abategetsi bo muri Tirkimenistani bazokwihweza ivyo vyose maze bakore bahuza n’ivyo amategeko mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu avuga ku bijanye n’umwidegemvyo mu vy’ugusenga mu gihugu cabo.

^ ing. 2 Iyo sentare y’akarere yarafuse umunyororo w’imyaka ine Bibi yari yaciriwe, ica imucira imyaka ine yo gupfungwa ic’amaso. Muri iyo myaka ine harimwo imyaka itatu yo gusuzumwa. Muri iyo myaka itatu, ategerezwa kwigenza neza kandi ntave mu gisagara abamwo canke ngo yimuke aje mu kindi, sentare itamuhaye uruhusha.