Ja ku birimwo

10 MYANDAGARO 2015
Zimbabwe

Ibikorane vyo mu 2015 vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” muri Zimbabwe inyuma y’umwaka umwe habaye igikorane mpuzamakungu c’intibagirwa

Ibikorane vyo mu 2015 vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” muri Zimbabwe inyuma y’umwaka umwe habaye igikorane mpuzamakungu c’intibagirwa

KU WA gatanu igenekerezo rya 31 Mukakaro i Harare muri Zimbabwe, Ivyabona vya Yehova baratanguye ibikorane vyo mu 2015 vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” Ivyo bikorane vy’imisi itatitatu bizomara amayinga 12 akurikirana gushika muri Gitugutu.

Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi, ariko arashikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya ku gikorane mpuzamakungu muri Zimbabwe mu 2014. Akikujwe n’Ivyabona babiri bo muri Zimbabwe baza barahindura ivyo avuze mu zindi ndimi.

John Hunguka, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Zimbabwe avuga ati: “Turiteze abantu benshi ku bikorane vy’uyu mwaka, canecane kubera ivyiza vyavuye mu gikorane mpuzamakungu duheruka kugira mu 2014 i Harare, ico kikaba cari ikintu c’intibagirwa muri kahise k’Ivyabona vya Yehova muri iki gihugu.” Kimwe mu binyamakuru bikomeye vyo muri Zimbabwe citwa NewsDay, cavuze yuko ico gikorane mpuzamakungu cari co “gikorane c’ivy’idini kinini kuruta ibindi” kibaye mu gihugu kandi catumye Ivyabona vya Yehova “baba mu bantu bavuganzwe cane mu gihugu” mu 2014.

Ku musi wa nyuma w’ico gikorane co mu 2014 cabereye ku kibuga citwa National Sports i Harare, abantu barenga 82.000 bari bakubise harazima. John Jubber, uno akaba aserukira ibiro vy’Ivyabona vya Yehova muri Zimbabwe, mu bibazo yabajijwe ico gikorane kimaze kuba yavuze ati: “Twakiriye abashitsi 3.500 baje bava muri Brezile, mu Budagi, muri Amerika, muri Zambiya no muri Kenya.”

Ico gikorane carakoze cane ku mutima abantu bo muri ico gihugu, ku buryo Walter Mzembi umushikiranganji wo muri Zimbabwe ajejwe ingenzi n’amahoteli, yagendeye icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i New York ajanywe no kubakengurukira kubona barahisemwo Zimbabwe ngo iberemwo ico gikorane. Mu kiganiro kidasanzwe yahaye Ivyabona, umushingantahe Mzembi yavuze ati: “Ubutumwa abanyagihugu bandungikanye ni ubu: ‘Kubera iki Ivyabona vya Yehova batoza baragira ibikorane buri ndwi ng’aha i Harare?’ . . . Umukuru w’igihugu yantumye ngo ndabashimire cane kandi aripfuza ko mugaruka mu bikorwa vyanyu vyo gukomeza ukwizera kw’abanyagihugu.”

Muri uyu mwaka, Ivyabona bo muri Zimbabwe bazogira ibikorane 39 vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” mu bibanza bitandukanye, aho hakaba harimwo n’ikibanza kiberamwo ivyo guhayanisha ibidandazwa muri Zimbabwe. Porogarama izoshikirizwa ari yose canke igice cayo mu gishinwa (Mandarin), mu rurimi rwitwa citonga (Zimbabwe), mu congereza, mu rurimi rwitwa ndebele (Zimbabwe), mu gishona, mu giswahili, no mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Zimbabwe. Amagenekerezo nyezina be n’ibibanza ivyo bikorane bizoberamwo muri Zimbabwe urashobora kubironka ku muhora wemewe w’Ivyabona vya Yehova ari wo jw.org.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Zimbabwe: John Hunguka, tél. +263 4 2910591