Ja ku birimwo

1 RUSAMA 2018
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ibikorane vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu 2018 bizotangura muri Rusama

Ibikorane vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu 2018 bizotangura muri Rusama

NEW YORK: Ivyabona vya Yehova bazotangura ibikorane bagira buri mwaka ku wa gatanu itariki 18 Rusama 2018. Umutwe-shimikiro wavyo uvuga ngo ‘Nugire umutima rugabo.’ Ivyabona vya Yehova bazogira isekeza ryo gutumira abantu ngo bitabe ivyo bikorane ku buntu. Ivyo bikorane bizobera mu bibanza bitandukanye mu bihugu 180.

Ivyo bikorane vy’imisi itatu bizoba bigizwe n’insiguro 54, igikino co kwumviriza, ibiganiro vyo kubaza ibibazo n’utuvidewo tugufitugufi. N’ikindi kandi, ku musi wa nyuma hazokwerekanwa isinema ifise umutwe uvuga ngo Yona: Inkuru yiwe iratwigisha umutima rugabo n’imbabazi. Buri musi, ikiringo co mu gitondo n’ico ku muhingamo kizohora gitangurwa n’ividewo y’umuziki yateguwe ku bw’ico gikorane.

David Semonian umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova avuga ati: “Muri iki gihe, uravye amakuru uribonera ingene abantu bo mu bigero bitandukanye buzuye amaganya n’ubwoba. Kwihanganira ayo maganya bisaba umutima rugabo. Turabahaye ikaze mwese mu gikorane c’uwu mwaka ngo muzokwiyumviririze impanuro ngirakamaro zishingiye kuri Bibiliya.”

Amatariki n’ibibanza ivyo bikorane bizoberako urabisanga ku rubuga rwemewe rw’Ivyabona vya Yehova ari rwo jw.org.

Uwujejwe amakuru:

David Semonian wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1-845-524-3000