Ja ku birimwo

Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Ukraine bahungiye mu bindi bihugu

9 RUHESHI 2022
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Abavukanyi bahunze bava muri Ukraine bariko baramenyera ubuzima bushasha mu bindi bihugu

Abavukanyi bahunze bava muri Ukraine bariko baramenyera ubuzima bushasha mu bindi bihugu

Iryna Makukha ubu aba muri République tchèque

Igihe intambara yatangura muri Ukraine, mushiki wacu w’imyaka 46 atarubaka urwiwe yitwa Iryna Makukha yaciye agenda ku gituro c’amagariyamoshi i Kharkiv. Yabonye ko vyoba bibereye avuye muri ico gihugu. Ibintu vyari biteye ubwoba cane ku buryo abantu baja ku bituro vy’amagariyamoshi batazi aho zigiye. Igariyamoshi Iryna yarimwo yari ifise ibiyo bitabonerana kugira bikingire abobatera. Iyo gariyamoshi imaze guhaguruka ni ho yaciye amenya ko igiye i Slovakiya.

Ubu Iryna aba muri République tchèque, akaba yashitse mu gisagara c’i Purage ku wa 3 Ntwarante 2022. Yararonse akazi ko gukora isuku, akaba abana n’abandi bashiki bacu babiri bo muri Ukraine bahunze. Iryna ariko ariga ururimi rw’igiceke kandi yarasubiye gutangura umurimo w’igihe cose, akaba amaze imyaka 20 ari wo ashira imbere mu buzima bwiwe.

Iryna avuga ati: “Nariboneye ingene Yehova atwitwararika biciye ku basavyi biwe. Ivyo vyarakomeje ukwizera kwanje bimwe bidasanzwe.”

Abavukanyi na bashiki bacu nka 23.000 barafashe ingingo yo guhungira mu bindi bihugu. Abashimye guhungira mu bindi bihugu bashobora kuba bari ahantu hatekanye, ariko baracakeneye kurondera akazi, inzu bobamwo, ivyangombwa, kwandikisha abana ku mashure hamwe no kwiga ururimi rushasha. Basanze kugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu hamwe n’urukundo abavukanyi babagaragariza ari vyo bibafasha kwihanganira ingorane zitesha umutwe barimwo.

Umuryango wa Anatoli Perceac, Olena, na Alina ubu bari muri Rumaniya

Uko ari batatu mu muryango, Perceac Anatoli, umukenyezi wiwe Olena n’umukobwa wabo w’imyaka 17 bariko baramenyera ubuzima bushasha muri Rumaniya inyuma y’aho igice bahora babamwo i Mykolaiv Oblast muri Ukraine cononekaye kubera amabombe. Bahunze ku wa 6 Ntwarante 2022. Kubera ko Anatoli akomoka muri Moldaviya, yari afise uburenganzira bwo gutwara umuryango wiwe muri Rumaniya. Olena agereranya kwimukira mu kindi gihugu nko “kurandura igiti n’imizi yaco ukaja kugitera ahandi hantu.”

Abavukanyi bo muri Rumaniya barafashije umuryango wa Perceac kuronka inzu babamwo. Vyongeye, Anatoli na Olena bararonse akazi, umukobwa wabo Alina na we yarashoboye gusozera udukorwa two kw’ishure yigako muri Ukraine biciye kuri internet.

Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Rumaniya bariko baritwararika ivyo uwo muryango ukeneye mu vy’umubiri, mu vy’impwemu bakongera bakabaremesha. Bama bamarana umwanya n’abagize uwo muryango kugira ntibumve ko ari bonyene mu gihugu batamenyereye. Olena na Alina bariko bariga ururimi rw’ikinyarumaniya bakoresheje programa ya JW Language hamwe no mu kwamamaza bari kumwe n’abo mw’ishengero ryabo rishasha. Anatoli we yakuze avuga ururimi rw’ikinyarumaniya.

Anatoli avuga ati: “Kuva mu ntango twariboneye ukuboko kwa Yehova. Biciye kw’ishirahamwe hamwe n’ingene abavukanyi na bashiki bacu badushigikira, twariboneye ko Yehova adukunda.”

Vladyslav Havryliuk na nyina wiwe Alina, bamenyereye ubuzima bushasha muri Polonye

Alina Havryliuk yapfakaye imbere yuko intambara itera, hamwe n’umuhungu wiwe w’imyaka 16 bashitse i Suwałki muri Polonye ku wa 27 Ruhuhuma bavuye i Vinnystia muri Ukraine. Alina avuga ati: “Mu ntango, naribaza aho jewe n’umuhungu wanje tuzoba hamwe n’ingene tuzokwibeshaho, ariko nari nzi neza ko Yehova yotwitwararitse.”

Alina afise imyaka 37. Yaciye atangura ubwo nyene kurondera akazi katomubuza kwitaba amakoraniro. Yararonse akazi ko gukora isuku kw’ishure. Yavuze ati: “Igihambaye kuruta, ni uko ako kazi kanyorohereza kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza kandi kakamfasha kuronsa umuryango wanje ivyo ukeneye.”

Alina na Vladyslav bariko bariga igipolonye kandi barakora ubutsimvyi bwo gufasha bubandanya mw’ishengero rikoresha igipolonye. Vladyslav yariyandikishije mu mashure yisumbuye.

Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Ukraine bariko barashikirwa n’ingorane zidasanzwe hamwe n’amahinduka akomeye, ariko Yehova abandanya kubaha ububasha burengeye ubusanzwe. Bariboneye ko amajambo avurwa mu 2 Abakorinto 4:8 ari ay’ukuri. Agira ati: “Turatunatunwa mu buryo bwose, mugabo ntitubura isaganirizo; turazazanirwa, mugabo ntitubura rwose icanzo.”