Ja ku birimwo

KU WA 11 GITUGUTU 2013
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo

Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo

Kw’ikoraniro ridasanzwe ryabaye ku wa 5 Gitugutu 2013, Ivyabona vya Yehova baratangaje isohorwa rya Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo y’icongereza. Komite ijejwe ivyo guhindura Bibiliya y’isi nshasha yo muri iki gihe yisunze ukuntu ururimi rwahindutse yarahuje igisomwa n’ayo mahinduka yongera iratomora imvugo zimwezimwe zikoreshwa muri Bibiliya, itibagiye ivy’uko yoroha gusoma no gutahura. Hisunzwe ayandi masuzumwa yagizwe kuri ya mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu be no ku bindi vyandikano vy’iminwe vya kera, iyo Bibiliya irimwo kandi ahandi hantu hatandatu haboneka izina ry’Imana: Abacamanza 19:18; 1 Samweli 2:25; 6:3; 10:26; 23:14; 23:16. Umuntu arashobora kuvoma ku buntu iyo Bibiliya ku muhora wa www.pr418.com, akayivoma iri mu bwoko bwa PDF canke akayisanga muri porogarama nshasha yitwa JW Library.

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000