Ja ku birimwo

I bubamfu: Umuvukanyi Yuriy Gerashchenko n’umugore wiwe Irina. I buryo: Umuvukanyi Sergey Parfenovich n’umugore wiwe Marina

KU WA 9 NZERO 2024
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Biyemeje kuguma bizigiye Yehova

Biyemeje kuguma bizigiye Yehova

Vuba Sentare y’i Krasnogvardeyskiy muri Republika ya Crimée izotangaza ingingo yafashe yerekeye umuvukanyi Yuriy Gerashchenko n’umuvukanyi Sergey Parfenovich. Umushingwamanza ntarafata ingingo ijanye n’urubanza yobacira.

Amakuru aberekeye

Turazi ko Yehova azoguma ashigikira Yuriy na Sergey, cokimwe n’abo bose baguma badahemuka, kuko «[abahisha] mu gitutu c’amababa [yiwe].»​—Zaburi 17:7, 8.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. Ku wa 19 Nyakanga 2022

    Ni ho Sergey yatangura gukurikiranwa n’amategeko

  2. Ku wa 28 Nyakanga 2022

    Igipolisi ca FSB caraje gusaka amazu umunani harimwo n’inzu ya Sergey kandi baciye bamupfunga ivy’agateganyo

  3. Ku wa 30 Nyakanga 2022

    Sergey yarungitswe mw’ibohero mu kurindira ko bamucira urubanza

  4. Ku wa 15 Munyonyo 2022

    Sergey yararekuwe mw’ibohero yari arimwo maze apfungwa ic’amaso

  5. Ku wa 22 Ntwarante 2023

    Yuriy yatanguye gukurikiranwa n’amategeko. Yarafashwe, arasambishwa hanyuma arapfungwa ivy’agateganyo

  6. Ku wa 24 Ntwarante 2023

    Yuriy yararekuwe maze apfungwa ic’amaso

  7. Ku wa 12 Mukakaro 2023

    Sergey na Yuriy bararekuwe mugabo babuzwa kugira ingendo

  8. Ku wa 28 Mukakaro 2023

    Baratanguye kuburana. Umushingwamanza yagirije Sergey na Yuriy ko babandanya «kugira uruhara mu bikorwa bihanwa n’amategeko no kugira iterabwoba ku vyabona.» Naho ata vyemeza vyabonetse, umucamanza yarabapfunze ic’amaso ubugira kabiri