Ja ku birimwo

25 RUSAMA 2022
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ca gikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu caratanguye gufatwa amasanamu

Ca gikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu caratanguye gufatwa amasanamu

Inyuma y’imyaka itatu turiko twitegura twongera dusenga cane, ca gikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu caratanguye gufatwa amasanamu ku wa 20 Rusama 2022. Abagize umugwi mpuzamakungu uzotunganya ico gikino bari muri Ostraliya barahimbawe cane kubona gitanguye gufatwa amasanamu. Ico gihe, umuvukanyi Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi ni ho yari. Yavuze ati: “Ndanezerewe cane kwibonera ingene iki gikino kimara amasaha 16 n’iminota 40 kivuga inkuru y’ubuzima bwa Yezu kizogirira akamaro abantu amamiliyoni.”