Ja ku birimwo

Ku wa 1 Ruheshi 2022
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Gusubira kwamamaza ku mugaragaro

Gusubira kwamamaza ku mugaragaro

Ku wa 31 Rusama 2022, Inama Nyobozi yaramenyesheje Amakomite yose y’amashami ko guhera ubu bashobora gusubira kugira uruhara mu buryo bwose bwo kwamamaza ku mugaragaro, kiretse kwamamaza inzu ku nzu. Buri Komite y’ishami izorimbura ukuntu ivyo mu karere k’ishami vyifashe, hamwe n’amategeko ajanye n’ukwikingira y’igihugu, maze bace baronsa ubuyobozi amashengero. (Abaroma 13:1) Turahimbawe cane kuba tugiye kuronka utundi turyo twiyongereye two gusangira n’ababanyi bacu inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana!​—Matayo 28:19, 20.