Ja ku birimwo

Abantu bari mw’ikoraniro mu Ngoro y’Ubwami imbere y’ikiza ca Korona

15 GITUGUTU 2021
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Inama Nyobozi yaratangaje ko mu mihingo imwimwe bashobora gusubira kugira amakoraniro bari hamwe

Inama Nyobozi yaratangaje ko mu mihingo imwimwe bashobora gusubira kugira amakoraniro bari hamwe

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yarasavye amashami amwamwe gusubira kugira amakoraniro bari hamwe. Ayo mashami azohitamwo Ingoro z’Ubwami ziri mu turere aho abamaze kwicandagisha ari benshi kandi abandura bakaba ari bake. Naho ari ukwo, ivyo bazobigira bakurikije amategeko y’igihugu ajanye no gukoranira hamwe. Iryo tangazo ryasomewe Abanyabeteli bo hirya no hino kw’isi ku wa gatanu, itariki 15 Gitugutu 2021.

Bivanye n’ukuntu ibintu bizoba vyifashe inyuma y’iyo ntunganyo, bazohitamwo nimba ayandi mashengero yokwemererwa gusubira kugira amakoraniro bari kumwe. Vyongeye, iryo tangazo ryavuze ko muri rusangi ingingo zijanye no guhagarika ibikorwa vy’ishirahamwe bituma abantu baja hamwe zizogumaho gushika n’imiburiburi itariki 1 Nzero 2022.

Turakenguruka cane ingene Inama Nyobozi yitwararika abavukanyi bari hirya no hino kw’isi be n’ukuntu iriko irahitamwo ibigiranye ubukerebutsi ibijanye no gusubira gukora ibikorwa vy’ishirahamwe nk’uko vyahora. Turabinginze musenge musaba ko Yehova yobandanya kuyobora no guhezagira izo ntunganyo.​—Imigani 14:16.