3 RUSAMA 2022
AMAKURU YO KW’ISI YOSE
“Nimugume mukomeza ubucuti mufitaniye na Yehova”
Programa idasanzwe yo kuremesha abavukanyi bo muri Ukraine na Polonye
Ku wa 26 Ndamukiza 2022, Umuvukanyi Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yaragiye muri Polonye kugira aremeshe abavukanyi na bashiki bacu bashikiwe n’ingaruka z’intambara iriko irabera muri Ukraine.
Amashengero yose yo muri Polonye n’ayo muri Ukraine yaratumiwe muri programa idasanzwe yabaye ku wa 30 Ndamukiza 2022. Mu batumiwe kwitaba iyo programa amaso mu yandi mu Ngoro y’amateraniro y’i Warsaw muri Polonye, harimwo impunzi zo muri Ukraine n’abari mu makomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago. Abitavye iyo programa bo muri Polonye na Ukraine harimwo n’abayikurikiranye ku buhinga bwa vidéoconférence barenga 250.000.
Umuvukanyi Sanderson yavuze ati: “Abavukanyi na bashiki bacu bo kw’isi yose baguma babazirikana kandi barasenga ku bwanyu. Ku cicaro gikuru, buri musi turasenga ku bw’abavukanyi bo mu Burusiya no muri Ukraine, kandi turabashira mu masengesho yacu igihe tugira amanama y’abagize Inama Nyobozi.” Yarakuye amazinda abariko baramwumviriza ati: “Kuba muri mu ngorane, ntibisobanura ko Yehova atakibashima. Arababona, arabakunda, n’ikiruta vyose ari hafi y’abo bose bari mu vyago.”
Umuvukanyi Sanderson yabandanije ati: “Nimugume mukomeza ubucuti mufitaniye na Yehova. Turipfuza ko izi ngorane zihera, ariko igihambaye kuruta ni uko twozivamwo ukwizera kwacu gukomeye cane kandi tukarushiriza kwiyegereza Yehova. Ivyo ni vyo Yehova ariko aratwigisha.”
Umukurambere wo muri Odessa yitwa Serhiy, avuga ati: “Mu ndwi nkeya ziheze, narabura itiro kubera amaganya, kubura hamwe no guta umutwe. Ariko [iyi programa idasanzwe] yaratumye ndushiriza kwizigira ko Yehova yitwararika abasavyi biwe, ariko kandi ko atwitwararika umwe wese ku giti ciwe.”
Mushiki wacu yitwa Tatiana yahunze ava i Kyiv muri Ukraine, yigana ati: “Uno musi niboneye ukuntu Yehova ari hafi yanje. Numvise umengo Yehova yangumbiriye kandi ndumva ko ankunda koko. Aho twoba turi hose Yehova yama ari kumwe natwe.”
Turakunda cane abavukanyi na bashiki bacu kandi turizigiye ko iyi programa idasanzwe yabibukije ko Yehova afitiye abasavyi biwe “ubuntu bwuzuye urukundo.”—Zaburi 136:1.