Ja ku birimwo

KU WA 11 GITUGUTU 2013
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Porogarama nshasha ifasha kwiga Bibiliya yitwa JW Library

Porogarama nshasha ifasha kwiga Bibiliya yitwa JW Library

Ku wa 7 Gitugutu 2013, Ivyabona vya Yehova barasohoye porogarama nshasha ifasha kwiga Bibiliya yitwa JW Library. Iyo porogarama nshasha irafasha abantu gusoma ya nteguro yo mu 2013 ya Bibiliya y’isi nshasha be n’izindi mpinduro za Bibiliya zitanu, harimwo iyitwa American Standard Version be na King James Version. Ibindi bintu bizoryohorwa mu nyuma bizofasha kuvoma no kwiga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, ibinyamakuru be n’udutabu. Iyo pororama nshasha JW Library ubu iraboneka kuri iPad®, iPhone®, be na iPod touch®, ku vyuma bikoresha Android™ 2.3 kandi mu nyuma izoboneka no kuri orodinateri na tablettes zikoresha Windows 8. Iyikoreshwa kuri Windows Phone 8 izoboneka vuba.

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000