Ja ku birimwo

5 RUSAMA 2014
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Abahinga mu vy’amategeko babivugako iki?

Abahinga mu vy’amategeko babivugako iki?

Abahinga babiri mu vy’amategeko ajanye n’agateka ka zina muntu barasigura ivyashikanye Abanyaburaya kwemeza ko umuntu afise uburenganzira bwo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima.

  • Nils Muiznieks: ni komiseri ajejwe ivyo kwubahiriza agateka ka zina muntu mu bihugu biri mu Nama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya.

  • Richard Clayton QC: ari mu mugwi w’abahanuzi mu vy’amategeko ajanye n’ibwirizwa nshingiro. Uwo mugwi (Commission de Venise) ukaba wegukira Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya.

Raba bimwebimwe mu vyiyumviro bashikirije.