Ja ku birimwo

4 RUHESHI 2014
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova batanguye amakoraniro mpuzamakungu

Ivyabona vya Yehova batanguye amakoraniro mpuzamakungu

NEW YORK: Irya mbere muri ya makoraniro mpuzamakungu yataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” ryaratanguye ku wa gatanu igenekerezo rya 6 Ruheshi 2014, i Detroit muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Abo mu tundi turere na bo bazokurikirana insiguro zimwezimwe z’iryo koraniro biciye kuri internet. Aho ni nko muri Arizona, Kaliforniya, Floride, Illinois, Missouri, New Jersey, no muri Karolina ya Ruguru. Ariko kandi insiguro zimwezimwe zizohindurwa mu kinyalbaniya, mu gikoreya, mu gipolonye no mu giportigale.

Uwitwa J. R. Brown, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ari ku cicaro gikuru cabo i New York, avuga ati: “Ivyabona b’i Detroit be n’abazokurikirana iryo koraniro biciye kuri internet bari mu bindi bisagara, baramaze indwi zitatu batumira incuti n’abagenzi kuri iryo koraniro ridasanzwe. Aho i Detroit, hitezwe abantu bo mu mihingo itandukanye bashika 45.000, harimwo abashitsi barenga 2.000 bavuye muri Ostraliya, Kanada, Ubudagi no muri Tayiwani.”

Muri iri ci, mu bibanza cumi vyo hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hazoba amakoraniro mpuzamakungu 16. Ayo makoraniro azoza arabera mu bibuga bininibinini vy’inkino. Hamwehamwe iryo koraniro canke igice caryo rizoba mu ndimi zikurikira: chuuk, icarabu, igifaransa, igihindi, igikoreya, igikrewole co muri Hayiti, igiperesi, igipolonye, igisamowa, igishinwa c’igikantone, igishinwa c’ikimandarini, igisupanyoli, igitagalog, igitaliyano, ikigiriki, ikimarshall, ikinyalbaniya, ikinyarmeniya, ikinyendoneziya, ikirusiya, ikivietinamu, ikiyapani, iloko, roumain, twi n’ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Kuva muri Ruheshi 2014 gushika mu 2015, ayo makoraniro mpuzamakungu azobera no muri Équateur, Koreya y’Epfo, Megizike, Ostraliya, Ubudagi, Ubugiriki, Ubwongereza no muri Zimbabwe.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000