Ja ku birimwo

20 NTWARANTE 2014
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Guy H. Pierce wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarapfuye

Guy H. Pierce wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarapfuye

NEW YORK: Guy H. Pierce wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ikorera ku cicaro gikuru cabo kiri i Brooklyn muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarapfuye ku wa kabiri igenekerezo rya 18 Ntwarante. Yapfuye afise imyaka 79.

Guy Pierce yakoreye mu makomite atandukanye ahagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova, harimwo n’igikorwa barangurira kw’isi yose co kwigisha Bibiliya. Imirimo yarangura yamusaba gufata ingendo kenshi, kandi yarakoresha utwo turyo mu kuremesha Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi. Naho yari afise ibikorwa vyinshi akora, vyari bizwi ko atigera abura akanya ko gutega ugutwi abo bose baba bakeneye ko abaha impanuro canke agira ibintu abafasha, kandi ukuntu yamwenyurana igishika be n’ukuntu yakunda gutwenza vyatuma abandi bumva bisanze. Abari bamuzi neza bavuga ko abantu bo mu mihingo itandukanye be n’abo mu mico itandukanye bamukunda. Mu nsiguro yashikirije ku musi wo gushikiriza impapuro z’umutsindo abasohotse ishure rimenyereza abamisiyonari, Guy Pierce yaravuze ikintu we ubwiwe yashira mu ngiro, ati: “Murama mwisunga ingingo zigororotse, ariko ntimurenze urugero. Iyo muzoja gukorera, ntihaze hagire uwo muzokengera ngo ni uko mudasangiye imico.”

Guy Hollis Pierce yavukiye i Auburn muri Kaliforniya, ku wa 6 Munyonyo 1934. Yabatijwe aba Icabona ca Yehova ku wa 14 Myandagaro 1955, afise imyaka 20. Yarubakanye n’Icabona nka we yitwa Penelope (Penny) Wong, ku wa 30 Rusama 1977, bongera bararonka abana. Guy Pierce n’umukenyezi wiwe barabaye abigisha Bibiliya b’igihe cose, abo Ivyabona vya Yehova bita abatsimvyi basanzwe. Mu nyuma, yarakoze igikorwa co kuza aragendera amashengero y’Ivyabona vya Yehova ari hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira akomeze ukwizera kw’abandi batsimvyi basanzwe be n’abari muri ayo mashengero. Mu 1997, Guy Pierce n’umukenyezi wiwe baratumiwe gukora igikorwa c’igihe cose ku biro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ku wa 2 Gitugutu 1999, Guy Pierce yaragenywe kuba umwe mu bagize Inama Nyobozi.

Guy Pierce ni we yahagarikiye ikoraniro rigirwa buri mwaka rigira 129 ry’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova, ku wa 5 n’uwa 6 Gitugutu 2013. Abaryitavye bose hamwe bari 1.413.676 mu bihugu 31, bamwe barikurikirana biciye kuri Internet, abandi na bo barishikira aho ryabereye. Umuhora wemewe w’Ivyabona wavuze ko iryo koraniro ryabaye ryo koraniro rya mbere ry’Ivyabona vya Yehova ryitabwe n’abantu benshi.

Guy Pierce asize umukenyezi wiwe Penny n’abana batandatu, abuzukuru n’abuzukuruza. Yakundwa cane n’Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi, abo yabona ko ari nk’umuryango wiwe.

Bagenziwe bahora bakorana mu Nama Nyobozi baragize ico bavuze ku “kwizera kwiwe gukomeye be n’ukuntu yashigikira ashikamye amategeko n’ingingo ngenderwako vya Yehova.” Bavuze bati: “Kwibuka ukuntu yabayeho kw’isi afise umutima rugabo n’ukwizera bizobandanya kudukomeza mu myaka iri imbere.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000