Ja ku birimwo

20 NTWARANTE 2014
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova batanguza isekeza ryo kw’isi yose ryo gutumira abantu ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu

Ivyabona vya Yehova batanguza isekeza ryo kw’isi yose ryo gutumira abantu ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu

I NEW YORK ku wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante 2014, Ivyabona vya Yehova baratanguje isekeza ryo kw’isi yose ryo gutumira abantu ku birori bihambaye kuri bo kuruta ibindi vyose biba mu mwaka. Na vyo ni Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Mu mwaka uheze, abantu bitavye ivyo birori bidasanzwe bari 19.241.252. Ivyabona bizigiye yuko abazokwitaba Icibutso muri uyu mwaka boba benshi kuruta abigeze kucitaba bose. Kizohimbazwa ku wa mbere igenekerezo rya 14 Ndamukiza, izuba rirenze.

J. R. Brown, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ku cicaro gikuru i New York avuga ati: “Nta nkeka ko abazokwifatanya natwe ku Cibutso bazohimbarwa n’urwo rubanza kandi bakarwungukirako. Ico kintu kiratuma dutumira abantu benshi bashoboka kuza kwifatanya natwe muri urwo rubanza rweranda.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, Office of Public Information, tel. +1 718 560 5000