Ja ku birimwo

4 RUSAMA 2016
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ibikorane vy’Ivyabona vyo mu 2016 bizoba vyerekeye ukudahemuka

Ibikorane vy’Ivyabona vyo mu 2016 bizoba vyerekeye ukudahemuka

I NEW YORK: Ivyabona vya Yehova bariko baratumira abantu ku bikorane bazogira muri uwu mwaka vyataziriwe ngo “Nugume uri intahemuka kuri Yehova.” Kuva ku wa gatanu itariki 20 Rusama, Ivyabona bazogira ivyo bikorane muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no hirya no hino kw’isi. Muri ivyo bikorane kwinjira ni ku buntu.

Muri ivyo bikorane bizoza biramara imisi itatu hazoshikirizwa insiguro 49, imwimwe yose ikazoca irya n’ino ibijanye n’“ukudahemuka.” Iruhande y’isinema zibiri zizokwerekanwa ku wa gatandatu no ku wa mungu, Ivyabona barateguye kandi utuvidewo 35 tuzojana n’izo nsiguro. Buri musi, ikiringo co mu gitondo n’ico ku muhingamo bizotanguzwa n’imiziki izokwerekanwa, yateguriwe ico gikorane.

Nk’uko bama babigira buri mwaka, Ivyabona vya Yehova bazotumira abantu kuri ivyo bikorane. Amatariki n’ibibanza ivyo bikorane bizoberako urashobora kubisanga ku rubuga rwemewe rw’Ivyabona vya Yehova, ari rwo jw.org. Abamenyeshamakuru bipfuza amakuru yiyongereye canke uwo bosaba amakuru kuri ivyo bikorane, barashobora guterefona ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bibegereye.

David Semonian, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ari ku cicaro gikuru cabo i New York, avuga ati: “Nta gukeka ko ukudahemuka guhambaye mu bucuti bwose tugiranira n’abandi. Ibikorane tuzogira muri uyu mwaka bizoshimika ku kuntu ukudahemuka kudufasha gukomeza ubugenzi tugiranira n’abandi, ubucuti bwo mu muryango n’ikiruta vyose ubucuti dufitaniye n’Imana. Turizigiye ko abazokwitaba ivyo bikorane bazohungukira cane.”

Uwujejwe amakuru:

David Semonian, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél: +1 718 560 5000