Ja ku birimwo

15 RUSAMA 2014
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova baramenyesheje ko bazogira amahwaniro mpuzamakungu

Ivyabona vya Yehova baramenyesheje ko bazogira amahwaniro mpuzamakungu

I NEW YORK, Ivyabona vya Yehova baramenyesheje ko bazogira amahwaniro mpuzamakungu azobera mu bisagara vyo hirya no hino kw’isi, akazoza aramara imisi itatitatu. Azotangura muri Ruheshi 2014 abandanye gushika muri Nzero 2015. Ayo mahwaniro azohera muri Leta zunze ubumwe za Amerika hanyuma muri Ostraliya, muri Equateur, mu Bwongereza, mu Budagi, mu Bugiriki, muri Megizike, muri Koreya y’Epfo no muri Zimbabwe. Ayo mahwaniro mpuzamakungu azobera rimwe n’amahwaniro y’akarere agirwa ku mwaka ku mwaka n’Ivyabona vya Yehova mu bibanza bitobito.

Amahwaniro mpuzamakungu azotangura ku wa 6 Ruheshi 2014, i Michigan muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Abantu nka 45.500 ni bo bitezwe, muri bo hakaba harimwo n’abashitsi 2.500 bazoba baje bava mu mahanga.

Kuri ayo mahwaniro mpuzamakungu hazoba hari abashitsi baje bava mu bindi bihugu kandi mu bibanza bimwebimwe hazoba hari n’abamisiyonari. J. R. Brown, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ku cicaro gikuru cabo kiri i Brooklyn muri New York, agira ati: “Amahwaniro mpuzamakungu yacu ni ibihe bidasanzwe kandi biteye umunezero umuntu atosiba. Twiyumvira ko abantu bazonezeranwa natwe muri ivyo biringo mu gihe tuzoba dukoraniye hamwe n’imiryango n’abagenzi baje kuri izo porogarama zidasanzwe.”

Umutwe-shimikiro w’ayo mahwaniro uvuga ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” Brown asigura yuko “iyo porogarama izoshimika ku mutwe-shimikiro wa Bibiliya no ku bintu bibiri nyamukuru Ivyabona vya Yehova bemera: Ubwami bw’Imana bwashinzwe mu 1914 kandi Yezu Kristu ni we Mwami w’ubwo Bwami. Emwe, ayo mahwaniro arahuye n’imyaka ijana Ubwami bw’Imana bumaze buganza.”

Ivyabona vya Yehova bariko barategura isekeza bazogira kw’isi yose ryo gutumira ababanyi babo kw’ihwaniro rizobera mu karere iwabo. Nk’uko bisanzwe ku makoraniro yose agirwa n’Ivyabona vya Yehova, nta mahera uzosabwa kugira winjire kandi nta mperezwa zizotozwa.

Amagenekerezo n’ibibanza ayo mahwaniro yo mu 2014 yataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” azoberako, urayasanga kuri wa muhora wemewe w’Ivyabona vya Yehova ari wo jw.org. Abamenyeshamakuru boshobora kwakura ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova kugira bamenye izina na aderese vy’uwujejwe amakuru kw’ihwaniro rizobera mu karere baherereyemwo hamwe n’ayandi makuru yerekeye iryo hwaniro.

Uwujejwe (abajejwe) amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000