Ja ku birimwo

1 MYANDAGARO 2014
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona bagira isekeza ryo kumenyekanisha umuhora wa internet uri mu ndimi nyinshi kuruta iyindi mihora yose, ari wo JW.ORG

Ivyabona bagira isekeza ryo kumenyekanisha umuhora wa internet uri mu ndimi nyinshi kuruta iyindi mihora yose, ari wo JW.ORG

I NEW YORK ku wa 1 Myandagaro 2014, Ivyabona vya Yehova bazotanguza isekeza rizomara ukwezi ryo gushikiriza abantu agapapuro kavuga ngo Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?. Ivyo ni kugira ngo babamenyeshe ko bafise umuhora wa internet witwa jw.org. Uwo muhora urimwo amakuru mu ndimi nka 500 be n’ibitabu abantu bashobora kuvoma biri mu ndimi zababa 700. Ivyo bituma uba wo muhora wa mbere ugizwe n’indimi nyinshi kuruta iyindi mihora yose ya internet.

Abantu barenga umuliyoni barinjira muri uwo muhora buri musi. Uwo muhora urimwo ibiganiro n’amavidewo bitanga impanuro ngirakamaro haba ku bato no ku bakuze, ku bantu b’uburyo bwose kandi bakomoka mu mihingo yose. Umuntu afise akuma ngendanwa gasoma utumenyetso ntekeramakuru, niyarabisha kamera yako ku kamenyetso kari inyuma kuri ako gapapuro, azoca aja kuri kamwe muri ayo mavidewo kitwa Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?. Ako kavidewo karerekana ibintu bibaho koko be n’udukino, kugira ngo berekane akamaro ko kwiga Bibiliya. Ubu kari mu ndimi zirenga 450, kakaba kamaze kuvomwa incuro zababa imiliyoni zine kuva gashizwe kuri uwo muhora ku wa 18 Munyonyo 2013.

J. R. Brown, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova wo ku cicaro gikuru cabo i Brooklyni, i New York, asigura ati: “Turashashaye kugira uruhara muri iryo sekeza. Turi Ivyabona vya Yehova bababa imiliyoni umunani kw’isi yose, kandi twese tuzogenda kumenyesha ababanyi bacu ivyerekeye uwo muhora wa internet. Iri rishobora kuzoba isekeza rikomeye kuruta ayo tumaze kugira yose.

Geoffrey Jackson, umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, avuga na we ati: “Kuva uwo muhora wa jw.org ugitangura gukora ubu haraciye imyaka ibiri, abantu bo kw’isi yose baramaze kwibonera ko ari igikoresho ntangere. Kuri uwo muhora, urashobora kuraba amavidewo ashobora gufasha abana bawe, ugasoma ibiganiro bishobora gufasha umuryango wawe, eka mbere ugasomera Bibiliya kuri uwo muhora. Dushaka ko abantu benshi bashoboka bungukira kuri uwo muhora. Ni co gituma twatanguje iryo sekeza.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000