Ja ku birimwo

13 NTWARANTE 2014
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova basohora mu ndome nininini Bibiliya iheruka gusubirwamwo

Ivyabona vya Yehova basohora mu ndome nininini Bibiliya iheruka gusubirwamwo

NEW YORK: Ivyabona vya Yehova barabandanya gukora uko bashoboye kwose kugira abantu benshi bashoboka baronke Bibiliya. Muri iyo ntumbero bariko barasohora mu ndome nininini ya Bibiliya y’isi nshasha isubiwemwo. Iyo Bibiliya iriko iracapurirwa mu Buyapani no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Hategekanya kuzobanza gucapura Amabibiliya 424.000.

Ivyabona basohoye iyo Bibiliya mu ndome zisanzwe mu gihe c’ikoraniro ridasanzwe, iryerekanywe mu bihugu 31 ku magenekerezo ya 5 na 6 Gitugutu 2013 biciye ku buhinga bwa Internet. Ni yo Bibiliya yaryohowe cane gusumba izindi zasohowe kuva mu 1984. Ku wa 7 Gitugutu 2013, Ivyabona barashize iyo Bibiliya muri progarama yo muri orodinateri n’utwuma ngendanwa yitwa JW Library. Iyo progarama imaze kuvomwa incuro zishika 1.4000.000. Bibiliya y’isi nshasha isubiwemwo iraboneka kandi ku muhora jw.org mu mero zitandukanye zo mu buhinga bwa none.

Muri izo mero zose z’iyo Bibiliya harimwo amarabiro ashika 60.000. Ayo marabiro, ni ukuvuga iyindi mirongo yo muri Bibiliya ijanye n’agace umuntu aba ariko arasoma, afasha umusomyi gutahura neza ibaba biriko biravugwa. Harimwo kandi ibicapo vy’amabara: amakarata yerekana ibibanza bivugwa muri Bibiliya n’ibicapo bisigura ingene ubuzima bwari bumeze mu bihe vya Bibiliya. Harimwo n’ayandi mayagwa, nk’ayasigura uburyo bwo guhindura Bibiliya be n’ayavuga kahise k’ingene Bibiliya yanditswe yongera irazigamwa kugira ntizimangane.

Integuro yo mu 1984 ya Bibiliya y’isi nshasha yari irimwo izina ry’uruharo ry’Imana incuro nka 7.000. Ariko, integuro isubiwemwo yo mu 2013 irishimikiza ubushakashatsi bugezweho bwerekana aho izina ry’Imana riboneka mu vyandikano vya kera vya Bibiliya. Hishimikijwe ibiri mu mizingo yubuwe ku Kiyaga c’Umunyu (mer Morte) be n’iyindi mizingo ya kera, Bibiliya y’isi nshasha isubiwemwo irongerako incuro 6 aho izina ry’Imana riboneka. Aho na ho ni mu Bacamanza 19:18 no muri 1 Samweli 2:25; 6:3; 10:26; 23:14; 23:16. Harimwo n’amayagwa asigura ingene izina ry’Imana ryakoreshwa mu giheburayo no mu kigiriki vya kera be n’aho riboneka mu Mabibiliya ari mu ndimi zikoreshwa muri iki gihe eka no mu ndimi ntonto.

Ivyabona baramaze igihe bacapura, batanga kandi bahindura mu zindi ndimi Bibiliya y’isi nshasha, ino ikaba ishimwa n’abahinga kubera ko itagira amahinyu. Bibiliya y’isi nshasha ikwiye yasohowe ari bwo bwa mbere mu congereza mu 1961. Mu 1963, inkinyamakuru kimwe (The New York Times) cavuze ko iyo Bibiliya y’isi nshasha yosohowe mu zindi ndimi 6, nk’uko vyari vyatangajwe mw’ikoraniro rimwe ry’Ivyabona ryabereye mu kibuga c’inkino citwa Yankee Stadium. Kuva ico gihe, Ivyabona barashohoye iyo Bibiliya mu ndimi zirenga 120. Mu myaka iheze, Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha yarahisemwo kuyisubiramwo kugira ihuze n’icongereza ca none no kugira itomore imvugo zimwezimwe zikoreshwa muri Bibiliya. Ivyo bituma irushiriza kworoha gusoma no gutahura. Bibiliya y’isi nshasha isubiwemwo irahuje n’ubwo buhinga bushasha bwo guhindura Bibiliya.

J. R. Brown, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ari ku cicaro gikurru cabo, avuga ati: “Vyari biteye akamwemwe kuronka integuro za mbere za Bibiliya y’isi nshasha mu myaka 50 iheze, ariko kandi birarushirije kuba ibiteye akamwemwe kuronka integuro ya vuba isubiwemwo. Ico dushaka, ni ugutuma Bibiliya itahurwa na bose, hakoreshejwe imvugo itagira amahinyu, yiyubashe kandi ya none.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000