Ja ku birimwo

16 RUSAMA 2017
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova bagiye gutangura ibikorane

Ivyabona vya Yehova bagiye gutangura ibikorane

I NEW YORK: Ku wa 19 Rusama 2017, Ivyabona vya Yehova bazotangura ibikorane vy’imisi itatu bagira buri mwaka. Igikorane c’uwu mwaka kizoba kivuga ngo “Nugume wihangana.” Ivyo bikorane bizobera mu bibanza bitandukanye hirya no hino kw’isi kandi bizobandanya gushika mu ntango za 2018. Nk’uko vyagenze mu myaka iheze, n’ubu Ivyabona bariko baragira isekeza kw’isi yose ryo gutumira abantu kuri ivyo bikorane.

Kwinjira ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa. David Semonian, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ku cicaro gikuru cabo c’i Warwick muri New York, avuga ati: “Mu mwaka uheze, ivyo bikorane vyitabwe n’abantu bashika imiliyoni 13 kw’isi yose. Twizigiye ko muri uwu mwaka hazoza benshi gusumba.”

Porogarama igizwe n’ibihimba 52 kandi bizoshikirizwa mu buryo butandukanye, harimwo insiguro ngufingufi, ibiganiro vyo kubaza ibibazo n’utuvidewo tugufitugufi. Vyongeye, imisi yose ku muhingamo hazokwerekanwa igice kimwekimwe c’isinema y’ibice bitatu ivuga ngo Mwibuke muka Loti. Amatariki n’ibibanza ivyo bikorane bizoberako urabisanga ku rubuga rwemewe rw’Ivyabona vya Yehova, ari rwo jw.org. Abamenyeshamakuru bipfuza gushikiriza ibiriko birabera kuri ivyo bikorane barashobora guterefona ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bibegereye kugira babahe amakuru yiyongereye canke bababwire umuntu ajejwe gutanga amakuru.

David Semonian avuga ati: “Ingorane zidushikira mu buzima zirashobora kutunyaga amahoro twifitiye, mbere zigatuma bamwebamwe bumva umengo botana n’akabando. Igikorane c’uno mwaka kizogirira akamaro Ivyabona n’abatari Ivyabona kuko kizoturonsa ivyo dukeneye kugira tubandanye twihangana no kugira dushobore gutsinda ingorane zidushikira.”

Uwujejwe amakuru:

David Semonian wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1-845-524-3000