9 GITUGUTU 2014
AMAKURU YO KW’ISI YOSE
Ivyo Ivyabona vya Yehova bariko barakora kugira birinde Ebola
I NEW YORK—Kubera ko ca kiza Ebola kiguma gisasika inganda mu burengero bwa Afrika, Ivyabona vya Yehova barabandanya kwigisha Ivyabona bagenzi babo ibijanye n’iyo ndwara.
Aho bamenyeye ko umugera wa Ebola washitse muri Guinée kandi ko waciye ushwara no mu bihugu bibanyi, ari vyo Liberiya na Sierra Leone, ibiro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri ako karere vyaciye ubwo nyene birungikira amashengero yose yo muri ivyo bihugu bitatu amakete yo kuyamenyesha ivy’uwo mugera. Kubera ko ayo makete yarimwo ubuyobozi bwatanzwe n’inzego za Leta, yarasiguye akaga k’uwo mugera, ingene wandukira, be n’ivyokorwa kugira ngo ntukwire hose. Collin Attick, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Sierra Leone yigana ati: “Kubera ko abantu bo mu karere kacu badatahura neza ibijanye n’indwara kandi hakaba harakwiragijwe amakuru atari yo ku bijanye n’inkomoko ya Ebola, abantu benshi mu ntango ntibabona ico bokora. Ariko igihe Ivyabona bagenzi bacu bumva ubuyobozi bwatangiwe ku Ngoro z’Ubwami zabo, baciye babushira mu ngiro badatebaganye.”
Muri Mukakaro, hari Ivyabona vya Yehova barungitswe kugendera mu buryo budasanzwe amashengero yose yo muri Sierra Leone na Guinée; buri shengero barimaramwo imisi ibiri. Muri izo ngendo hashikirizwa insiguro ivuga ngo “Ukugamburuka kurarokora ubuzima.” Intumbero y’iyo nsiguro ni iyo gutuma abari muri ayo mashengero barushiriza kumenya uburyo bwo kwirinda ico kiza hamwe no kubaremesha kubandanya bisunga ubuyobozi baba baheruka kuronka. Izo ngendo zizobandanya gushika no muri Munyonyo 2014. N’ikindi kandi, Ivyabona vya Yehova barashize amazi yo gukaraba arimwo wa muti bita eau de javel mu bwinjiriro bw’ibibanza Ivyabona basengeramwo (ivyo bita Ingoro z’Ubwami) muri Guinée, Liberiya, na Sierra Leone. Ivyabona benshi bo muri ivyo bihugu bariko barakurikiza ako karorero mu gushira mwene ayo mazi yo gukaraba ku mihana yabo.
Nk’uko vyerekanwa na raporo yo kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2014 y’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, muri Afrika y’uburengero hari abantu 7.178 bamaze kwandura uwo mugera kandi abarenga 3.300 baramaze gupfa bahitanywe n’ico kiza Ebola, kandi ico gitigiri kirashobora kwongerekana. Gushika kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu, mu Vyabona 2.800 bo muri Guinée na Sierra Leone, Icabona umwe w’umuforomakazi ni we yanduye umugera wa Ebola maze apfa ku wa 25 Nyakanga 2014. Mu Vyabona 6.365 bo muri Liberiya, 10 barapfuye bahitanywe n’ico kiza; 6 muri bo bari abajejwe amagara y’abantu. Naho uwo mugera uheruka gushika no muri Nijeriya, nta Cabona arandura uwo mugera. Vyongeye, nta mumisiyonari n’umwe wo mu Vyabona muri ivyo bihugu vyose arandura uwo mugera wa Ebola; igihe uwo mugera watera, abamisiyonari benshi bari mu buruhuko, abandi bari bagiye mu bikorane i Buraya no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Bamwe baheruka kugaruka mu gikorwa cabo c’ubumisiyonari kandi na bo nyene bariko barakurikiza ubuyobozi butangwa n’ibiro vy’amashami bakukira. Abandi ntibaragaruka kubera ko indege zitaremererwa gukora canke kubera izindi mvo.
Amakomite ajejwe gutabara y’Ivyabona ariko arafasha Ivyabona bo muri ivyo bihugu vyo muri Afrika y’uburengero vyatewe na Ebola kuronsa imiryango yabo n’abo basangiye ukwemera ivyo bakeneye. Thomas Nyain, Sr., umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Liberiya avuga ati: “Gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’isuku n’izijanye no gushira uwurwaye indwara yandukira ukwa wenyene biriko biradufasha kwirinda ico kiza. Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova, turirinda kandi imigenzo ijanye no guhamba iteye kubiri n’ivyo Ijambo ry’Imana rivuga. Ivyo biriko birakingira abo dusangiye ukwemera bose, na canecane muri iki gihe kitoroshe.”
Muri Sierra Leone, iradiyo imwe yo ng’aho yaravuze ukuntu Ivyabona vya Yehova bafashije Ivyabona bagenzi babo be n’abatari Ivyabona kwirinda umugera wa Ebola. Abategetsi bo ng’aho barasavye kandi Komite y’Ivyabona ijejwe gutabara ko yosahiriza inzego za Leta zo muri ako karere.
J. R. Brown, umuvugizi wo ku rwego mpuzamakungu wo ku cicaro gikuru c’Ivyabona i New York yavuze ati: “Turaremeshwa no kubona ingene Ivyabona bagenzi bacu bo muri Afrika y’uburengero biyubara kandi bakabandanya ibikorwa vyabo bijanye no gusenga hamwe no kwigisha Bibiliya; ivyo bakaba babigira uko bashoboye kwose. Ivyabona bagenzi bacu be n’abandi bantu bari mu turere twatewe n’umugera wa Ebola tubahoza ku mutima no mu masengesho dutura.”
Abajejwe amakuru:
Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000
Guinée: Thierry Pourthié, tél. +224 631 40 96 50
Liberiya: Thomas Nyain, Sr., tél. +231 886 513 414
Nijeriya: Paul Andrew, tél. +234 7080 662 020
Sierra Leone: Collin Attick, tél. +232 77 850 790