Ja ku birimwo

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Crimée

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Crimée

Ivyo kurwanya no guhohotera Ivyabona vya Yehova bigirwa n’abategetsi bo mu Burusiya ubu na ho vyatandukiriye no muri Crimée. Uretse ko Leta y’Uburusiya yahagaritse inzego zemewe n’amategeko zikoreshwa n’Ivyabona, biraboneka ko ifise intumbero yo kubabuza gukora ibikorwa vyabo bijanye no gusenga. Kuva aho Uburusiya buhagarikiye ibikorwa vy’Ivyabona muri Ndamukiza 2017, abategetsi baho baragavye ibitero bitari bike hirya no hino mu Burusiya aho Ivyabona baba bakoraniye. Bamwe barafashwe barapfungwa. Ubwo buryo nyene ni bwo buriko burakoreshwa mu kurwanya Ivyabona vya Yehova bo muri Crimée.

Ku wa 15 Munyonyo 2018, i Dzhankoy muri Crimée, abapolisi nka 200 n’inteko zidasanzwe za gisirikare barateye imihana umunani yari ikoraniyemwo imigwi mitomito y’Ivyabona bariko basoma Bibiliya bongera bayiganirako. Abasirikare nka 35 bitwaje ibigwanisho kandi bambaye ibintu bibahisha mu maso barinjiye mu nzu ya Sergey Filatov, ahari hakoraniye Ivyabona batandatu. Ico kintu carateye ubwoba cane ivyo Vyabona. Abo basirikare barafashe umugabo w’imyaka 78, bamufyondera ku ruhome, baca bamutura hasi, bamushirako minote baca baramukubita bunyamaswa ku buryo yavanywe ng’aho bamwirukangana kwa muganga. Abandi bagabo babiri bitereye mu myaka baragizweko iterabwoba cane ku buryo baciye bagira ivumbuka ry’umurindi w’amaraso baca bajanwa kwa muganga. Ikibabaje kuruta, ku wundi muhana bateye, hari umukenyezi yari afise inda yaciye ikoroka.

Inyuma y’ico gitero, Sergey Filatov yaratanguye gukurikiranwa n’ubutungane hisunzwe ingingo ya 282.2(1) yo mu Gitabu c’amategeko mpanavyaha y’Uburusiya yerekeye gutunganya ibikorwa vy’intagondwa. Ku wa 5 Ntwarante 2020, sentare y’akarere yaraciriye Sergey Filatov umunyororo w’imyaka itandatu. Urubanza rukimara gusomwa yaciye ajanwa mw’ibohero.

Inyuma y’aho inteko zidasanzwe zisakiye imihana i Dzhankoy mu 2018, zirabandanya gutera imihana y’Ivyabona bose bikeka ko bariko bagira uruhara mu bikorwa vy’intagondwa. Ku wa 22 Rusama 2023 ni ho baheruka gusaka. Isaha 12 n’igice zo mu gitondo, abapolisi barenga cumi barinjiye mu muhana w’i Feodosia, batanu muri bo bakaba bari bitwaje ibirwanisho. Abo bapolisi bategetse ivyo Vyabona kuryama hasi, baca bamara amasaha arenga atatu bariko barasaka iyo nzu. Umugabo umwe muri ivyo Vyabona baramufashe baca bamutwara i Sevastopol kumusambisha.

Kubera iryo sekeza ryo gusaka imihana y’Ivyabona vya Yehova hamwe no kubaburanya bagaca babacira imanza, ubu hari abavukanyi 12 bapfunzwe. Baciriwe umunyororo w’imyaka itandatu n’igice. Bose bagirizwa gushigikira ibikorwa vy’intagondwa.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. 22 Nzero 2024

    Ivyabona vya Yehova 12 ni bo bakiri mu gasho muri Crimée.

  2. 22 Rusama 2023

    Igipolisi c’inyamiramabi caragiye gusaka umuhana umwe w’Icabona i Feodosia. Utwuma two mu buhinga bwa none twabo baradufashe bongera barapfunga Icabona ca Yehova umwe.

  3. 5 Myandagaro 2021

    Imihana umunani y’Ivyabona vya Yehova yarasatswe. Aleksandr Dubovenko na Aleksandr Litvinyuk barafashwe.

  4. 1 Gitugutu 2020

    Imihana icenda yarasatswe i Sevastopol. Igor Shmidt yarafashwe aca apfungwa ic’amaso.

  5. 4 Ruheshi 2019

    Inteko zidasanzwe za gisirikare zaraje gusaka amazu cumi i Sevastopol. Inyuma y’aho, umuvukanyi Stashevskiy yaciye yagirizwa ko atunganya ibikorwa vy’intagondwa.

  6. 20 Ntwarante 2019

    Inteko zidasanzwe zaragiye gusaka imihana umunani yo mu gisagara ca Alupka n’ica Yalta. Gerasimov yarasambishijwe aca yagirizwa gutunganya ibikorwa vy’intagondwa.

  7. 15 Munyonyo 2018

    Imihana umunani harimwo n’uwa Sergey Filatov yaratewe n’abapolisi nka 200 n’inteko zidasanzwe za gisirikare i Dzhankoy.