Ja ku birimwo

30 NDAMUKIZA 2015
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova bariko batangaza amahwaniro yo mu 2015 azotangura muri Rusama

Ivyabona vya Yehova bariko batangaza amahwaniro yo mu 2015 azotangura muri Rusama

NEW YORK: Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ivyabona vya Yehova bazotangura amahwaniro yabo yo mu 2015 ku wa 22 Rusama. Amahwaniro y’akarere yo mu 2015 yataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” azobandanya kuba hirya no hino kw’isi gushika muri Nzero 2016. Ahantu hose hazobera iryo ihwaniro, Ivyabona vya Yehova baho bazogira isekeza rizomara indwi zitatu ryo gutumira abantu ngo bitabe iyo porogarama ku buntu.

J. R. Brown, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ku cicaro gikuru cabo i Brooklyn muri New York, avuga ati: “Umutwe-shimikiro w’ihwaniro ryo muri uwu mwaka urerekana ko Yezu Kristu ari we rurangiranwa kw’isi yose be n’uko yasigiye akarorero keza abantu bo mu bihe vyose, mu turere twose no mu mico kama yose. Turizigiye ko abantu bazoshimishwa n’uburyo bushasha bwo gushikiriza ibintu bihambaye vyabaye mu buzima bwa Yezu. Porogarama y’uwu mwaka izotuma umuntu agira uruhara mu bishikirizwa. Hazoba harimwo amavidewo ashimishije kandi y’inkoramutima azotwereka ukuntu kwigana Yezu mu buzima bwacu bwa misi yose bishobora kutugirira akamaro.”

Amagenekerezo n’ibibanza nyezina ayo mahwaniro y’akarere yo mu 2015 yataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” azoberako, urabisanga ku muhora wemewe w’Ivyabona ari wo jw.org. Nimba abamenyeshamakuru bipfuza gushikiriza ibijanye n’iryo hwaniro, boshobora kwakura ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bibegereye kugira baronke amakuru yiyongereye, ushizemwo n’izina ry’uwujejwe amakuru.

Uwujejwe amakuru:

Urwego mpuzamakungu: J. R. Brown wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000