Ja ku birimwo

20 Ntwarante 2015
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Hitezwe abantu bashika imiliyoni 20

Hitezwe abantu bashika imiliyoni 20

NEW YORK: Ku mugoroba wo ku wa gatanu, itariki 3 Ndamukiza 2015, Ivyabona vya Yehova bazogira urubanza rwo kwibuka urupfu rwa Yezu Kristu. Urwo akaba ari rwo rubanza babona ko ruhambaye cane. Ijambo ry’uwo musi rizoshikirizwa mu minuta 45, rikazoba rivuga riti: “Nukenguruke ivyo Kristu yagukoreye!” Hirya no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova bari bamaze amayinga batumira incuti, ababanyi n’abagenzi kuri urwo rubanza.

Richard Brown, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova akorera ku cicaro gikuru cabo kiri i Brooklyn muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Mu mwaka uheze, Ivyabona vya Yehova nk’imiliyoni 8 baratumiye abantu ku rubanza rwo kwibuka urupfu rwa Yezu, kandi abarwitavye bari hafi imiliyoni 20. Muri uyu mwaka na ho, twiteze ko ico gitigiri kizokwiyongera.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: Richard Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000