Ja ku birimwo

14 RUHUHUMA 2014
KOREYA Y’EPFO

Itohoza ryerekana ko Abanyakoreya bahinduye ukuntu babona ivyo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare bitumwe n’ijwi ryo mu mutima

Itohoza ryerekana ko Abanyakoreya bahinduye ukuntu babona ivyo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare bitumwe n’ijwi ryo mu mutima

I SÉOUL muri Koreya: Twisunze itohoza ryagizwe n’ikigo Gallup, igitigiri gitera ciyongera c’Abanyakoreya ubu bashigikira ko Leta yabo ishiraho ibikorwa vya gisivile bisubirira ivya gisirikare ku bw’abanka gukora ibikorwa vya gisirikare babitumwe n’ijwi ryo mu mutima. Muri iryo tohoza ryabaye kuva itariki 4 gushika 7 Munyonyo 2013, ibice 68 kw’ijana vy’Abanyakoreya 1.211 babajijwe, barashigikiye ko abanka gukora ibikorwa vya gisirikare batopfungwa ahubwo ko boshirirwaho ibikorwa vya gisivile bibisubirira. Ivyo birerekana ko ukuntu abantu bahora babona ivy’ico kibazo vyahindutse cane, kuko mw’itohoza nk’iryo ryagizwe mu 2008, ari ibice 29 kw’ijana gusa vy’abari babajijwe bashigikiye ishirwaho ry’ibikorwa vya gisivile.

Bisa n’uko bamwe mu bize ivy’amategeko bo muri Koreya na bo nyene bashima ko hoshirwaho ikindi kintu gisubirira ugupfunga abanka gukora ibikorwa vya gisirikare babitumwe n’ijwi ryo mu mutima. Han In-seop, porofeseri kw’ishure ry’amategeko muri kaminuza y’igihugu y’i Séoul, mu kiganiro ciwe kivuga ngo “Ikibazo kitoroshe cerekeye abanka gukora ibikorwa vya gisirikare babitumwe n’ijwi ryo mu mutima,” yanditse ati: “Biragoye kuronka umucamanza yovuga ko abo banka gukora ibikorwa vya gisirikare baba babangamiye imico runtu be n’ikibano. Nta n’umutahe wo kubahagirika barungikirwa kuko ata wigera yikeka ko bohunga. Igihe cose abacamanza bakubise intahe mu gahanga abo bantu, basigara biyumva nabi kandi bicuza.”

Hari isinema itagira aho ihengamiye iheruka gushira ahabona ico kibazo kijanye n’agateka ka zina muntu yatunganijwe n’Urwego rw’igihugu rujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu rwo muri Koreya. Iyo sinema irimwo agace kiswe “Uruzi rw’ibarafu,” kavuga ivy’Icabona ca Yehova yanse kuja mu bikorwa vya gisirikare. Uwatunganije iyo sinema yavuze ko yafashe ingingo yo gukora iyo sinema aho amenyeye ko buri mwaka Ivyabona amajana batabwa mw’ibohero kubera ko banka gukora ibikorwa vya gisirikare babitumwe n’ijwi ryo mu mutima. Raporo y’Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yasohowe muri Ruheshi 2013 yerekana ko mu Vyabona vya Yehova bafunzwe kw’isi yose kubera ko badakora ibikorwa vya gisirikare, ibice 93 kw’ijana bari muri Koreya y’Epfo.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Koreya y’Epfo: Dae-il Hong, tél. +82 31 690 0055