Ja ku birimwo

16 RUHESHI 2014
KOREYA Y’EPFO

Abacamanza barabura amahoro mu mutima iyo birengagije ijwi ryo mu mutima ry’abo bacira imanza

Abacamanza barabura amahoro mu mutima iyo birengagije ijwi ryo mu mutima ry’abo bacira imanza

Umucamanza mukuru wa Sentare y’intara ya Suwon yarakoroye amosozi igihe yacira umunyororo umusore w’imyaka 21 yitwa Chang-jo Im, yanse gukora ibikorwa vya gisirikare kubera ijwi ryiwe ryo mu mutima. Uwo mucamanza yari yaciriye urubanza inkozi z’ikibi zitanu kuri uwo musi nyene, ariko ntiyerekana ikimenyetso c’umubabaro. Mugabo urubanza rw’uwo musore rworwo, rwaramukoroje amosozi kuko rwarimwo akarenganyo. Kubera ko ata kundi yari bubigenze, yaraciriye uwo musore w’Icabona ca Yehova umunyororo w’umwaka n’amezi atandatu.

Buri kwezi, abacamanza bo muri Koreya y’Epfo biraba ngombwa ko bafata ingingo nk’izo zitoroshe. Umusore wese arengutswa muri sentare kubera yanse gukora ibikorwa biteye kubiri n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, umucamanza aca amucira umunyororo w’umwaka n’amezi atandatu utegekanywa n’amategeko. Ku bijanye n’ingingo yafatiwe umusore umwe, umucamanza Young-sik Kim yavuze ati: “Abacamanza ubwabo barazi ko igihe bahanye abanka gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryabo ryo mu mutima, bataba bahanye inkozi z’ikibi.” Ukudogombwa uwo mucamanza yagize, kwatumye yibaza nimba abanka gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryabo ryo mu mutima boba bakwiye vy’ukuri guhanishwa itegeko rihana abagarariza ibikorwa vya gisirikare.

Muri Koreya y’Epfo abanyagihugu nta burenganzira bafise bwo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare kubera ijwi ryabo ryo mu mutima. Vyongeye, nta bindi bikorwa bitari ivya gisirikare vyategekanijwe. Ivyo vyama biteza ingorane abacamanza bo muri ico gihugu, bikaba ngombwa ko abanka gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryabo ryo mu mutima babafata nk’inkozi z’ikibi. Abo bacamanza barazi kandi ico Komite ijejwe agateka ka zina muntu mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ku bijanye n’imanza zitari nke zerekeye imisore 501. Iyo komite yerekanye yuko Koreya y’Epfo irenga ku mwiyemezo yagize imbere y’amakungu wo kwubahiriza uburenganzira bw’ishimikiro bwa zina muntu, kubera ko iburanya ikongera igapfunga abanka gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryabo ryo mu mutima. Ivyo bituma abacamanza benshi babura amahoro mu mutima igihe baciriye umunyororo abasore b’abakirisu banka gukora ibikorwa vya gisirikare kubera ijwi ryabo ryo mu mutima.

Sentare yo muri Koreya y’Epfo ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro iraherutse gushikirizwa imanza z’abanka kurenga kw’ijwi ryabo ryo mu mutima. Yazishikirijwe n’abacamanza batandatu bo mu masentare y’intara. Bashikirije izo manza naho mu 2011 iyo Sentare yemeje yuko itegeko rijanye n’ugukora ibikorwa vya gisirikare rihuje n’ibwirizwa shingiro. Ingingo abo bacamanza bafashe zirashira ahabona n’izindi ngorane zijanye n’ivyo bikorwa vya gisirikare.

Raba ivyo abacamanza bamwebamwe bavuze ku bibazo bikurikira:

  • Vyoba bibereye ko umuntu apfungwa kubera yanse gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryiwe ryo mu mutima?

    “Ibwirizwa shingiro riraha umuntu wese uburenganzira bwo kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima. Intumbero nyamukuru ni iyo kwubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’umuntu, ryo shingiro ry’icubahiro ciwe n’agateka kiwe. . . . Ingingo umuntu afata yo kudakora ibikorwa vya gisirikare ntishigikirwa na benshi. Ariko nta wovuga yuko uwufashe iyo ngingo aba adakunda abandi canke igihugu ciwe, ku buryo yoca ahanwa bimwe bikomeye nk’inkozi y’ikibi.”–Vyavuzwe n’umucamanza Hye-won Lim wo muri Sentare yo mu ntara ya Suwon, ku wa 21 Ruhuhuma 2013, 2012Chogi2381.

    “Kwifatira ingingo mu bijanye n’imigenderanire umuntu agirana n’abandi . . . [be] n’ukwubaha cane ‘agaciro k’ubuzima bw’umuntu’ biri mu bintu bihambaye bigira ico biterereye kuri kamere kiwe. Ivyo birajanye kandi n’ingingo umuntu yifatira yo kutaka uwundi ubuzima, naho hoba ari mu ntambara. Igihe [abafashe] ingingo nk’iyo bahaswe ngo bakore ibikorwa vya gisirikare canke ngo bafate ibirwanisho, uwanse wese agaca ahanwa, kuba ari uguhonyanga uburenganzira bwabo n’akarangamutima kabo. Vy’ukuri, kuba ari uguhonyanga agateka k’umuntu.”–Vyavuzwe n’umucamanza Young-hoon Kang wo muri Sentare yo mu ntara yo mu buraruko bwa Séoul, ku wa 14 Nzero 2013, 2012Chogi1554.

  • Kwubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima, vyoba bigeramira umutekano w’igihugu?

    “Nta bimenyamenya bifadika kandi birashe vyerekana ko gushiraho ibikorwa bisubirira ivya gisirikare vyotuma umutekano w’igihugu ugeramirwa, canke ngo bitume itegeko ryerekeye ibikorwa vya gisirikare ritoranya.”–Vyavuzwe n’umucamanza Gwan-gu Kim wo muri Sentare yo mu ntara ya Changwon Masan, ku wa 9 Myandagaro 2012, 2012Chogi8.

    “Kuba umugwi mutoyi w’abantu, ushizemwo n’Ivyabona vya Yehova, . . . banka gufata ibirwanisho no kugira imyimenyerezo ya gisirikare, vy’ukuri nta wovuga ko vyobangamira cane umutekano w’igihugu ku buryo bitoshoboka ko agateka k’abanyagihugu bose n’ineza yabo bikingirwa. Mu bisanzwe, uwanse gukora ivyo bikorwa vya gisirikare . . . aba azi neza ko ashobora guhanwa. Mu gihe ukwo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare [kwoba] vy’ukuri ari ingeramizi, vyoca bisobanura ko umutekano w’igihugu, agateka k’abanyagihugu bose n’ineza yabo vyari bisanzwe bigeramiwe cane.”–Vyavuzwe n’umucamanza Seung-yeop Lee wo muri Sentare yo mu ntara ya Ulsan, ku wa 27 Myandagaro 2013, 2013Godan601.

  • Hokorwa iki?

    “Mu gihe Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yosanga iryo tegeko ridahuje n’ibwirizwa shingiro, Leta hamwe n’Inama nshingamateka birashobora guca biraba uburyo bwo guhuza ikibazo c’umutekano w’igihugu n’uburenganzira umuntu afise bwo kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima. Vyoca bishinga amategeko yubahiriza abanka gukora ibikorwa vya gisirikare kubera ijwi ryabo ryo mu mutima, ariko kandi agakomeza umutekano w’igihugu.”–Vyavuzwe n’umucamanza Young-sik Kim wo muri Sentare yo mu ntara yo mu bumanuko bwa Séoul, ku wa 9 Mukakaro 2013, 2013Chogi641.

    “Igihugu ntikizobura abakirwanira canke ngo umutekano w’igihugu ugeramirwe cane, mu gihe ibikorwa bisubirira ivya gisirikare vyotunganywa neza ku buryo hatagira uwuriramwo mbege yitwaje ijwi ryo mu mutima.”–Vyavuzwe n’umucamanza Seong-bok Lee wo muri Sentare yo mu ntara yo mu buseruko bwa Séoul, ku wa 20 Ruhuhuma 2014, 2014Chogi30.

None Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro izofata iyihe ngingo?

Abo bacamanza twavuze, basavye iyo sentare gutorera umuti iyo ngorane ibahanze ijanye n’abanka gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryabo ryo mu mutima. Iyo sentare iramaze kwakira imanza 29, zibiri muri zo zikaba zerekeye abagabo 433.

None iyo sentare izokora iki? Iyo sentare nkuru ya Koreya y’Epfo yoba izokwubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo kudakora ibikorwa vya gisirikare kubera ijwi ryiwe ryo mu mutima, bigacira inzira itegeko rishasha? Niyabigenza gutyo, izoba yubahirije ibwirizwa shingiro ry’ico gihugu be n’umwiyemezo cagize imbere y’amakungu wo kwubahiriza agateka ka zina muntu. Izoba kandi yubahirije ijwi ryo mu mutima ry’abantu benshi, bitume abasore amajana bapfunzwe bazira ubusa batezurirwa.