Ja ku birimwo

1 GITUGUTU 2013
KOREYA Y’EPFO

Akarenganyo kari muri Koreya y’Epfo gatuma amakungu asemerera

Akarenganyo kari muri Koreya y’Epfo gatuma amakungu asemerera

Koreya y’Epfo irapfunga imisore amajana kandi itari inkozi z’ikibi. Kubera iki? Kubera ko ari Ivyabona vya Yehova kandi bakaba barahisemwo kwisunga ijwi ryabo ryo mu mutima, baranka gukora ibikorwa vya gisirikare. Kuba Koreya itubahiriza ubwo uburenganzira bwabo, irabapfunga kubera ko badakora ibikorwa vya gisirikare. Nkako, muri iyi myaka 60 iheze, Ivyabona vya Yehova barenga 17.000 barapfunzwe bazira ko banse gukora ibikorwa vya gisirikare bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima.

Kugira bashire ahabona ico kibazo, Ivyabona vya Yehova bo muri Koreya y’Epfo barasohoye agatabu gafise umutwe uvuga ngo:  Kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare muri Koreya bitumwe n’ijwi ryo mu mutima. Ako gatabu karerekana ingene Koreya yananiwe no kwubahiriza amategeko mpuzamakungu ikongera ikananirwa no gukingira abanka gukora ibikorwa kanaka bisunze ijwi ryo mu mutima. Ako gatabu karavuga kandi muri make inkuru z’imisore y’Ivyabona yihanganiye umunyororo kubera ko yanse kurenga kw’ijwi ryayo ryo mu mutima. Dae-il Hong (aserukira ibiro vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Koreya) na Philip Brumley (umuhanuzi mu vy’amategeko w’Ivyabona vya Yehova i New York) baratanga umuco wiyongereye kuri ako karenganyo kamaze igihe.

Amakungu yakiriye gute akarenganyo kari muri Koreya y’Epfo?

Philip Brumley: Ibihugu bitari bike vyarateye ivyatsi Koreya kuba itubahiriza uburenganzira nyamukuru umuntu afise bwo kwanka gukora ibikorwa kanaka yisunze ijwi ryo mu mutima. Mu nama iheruka y’isuzuma yama igirwa na ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu, ibihugu umunani ari vyo Hongiriya, Ubufaransa, Ubudagi, Polonye, Slovakiya, Espanye, Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Ostraliya, vyarahimirije Koreya guhagarika ibirego yagiriza abo bantu vyongera birahimiriza Koreya kubashiriraho ibikorwa vya gisivile bisubirira ivya gisirikare.

Dae-il Hong: Ku bijanye n’imanza 4 ziraba abantu 501 badakora ibikorwa vya gisirikare bisunze ijwi ryo mu mutima, Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu (CCPR) yasohoye ingingo ivuga ko Leta ya Koreya yahonyanze agateka kabo mu kubagiriza icaha no mu kubapfunga. Iyo Komite yavuze ko “uburenganzira umuntu afise bwo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare yisunze ijwi ryo mu mutima bushingiye ku burenganzira afise bwo kugira umwidegemvyo mu bijanye n’ivyiyumviro, ijwi ryo mu mutima be n’idini. Ivyo rero biramuha uburenganzira bwo kudakora ibikorwa vya gisirikare nimba bidahuje n’idini arimwo canke n’ivyo yemera. Nta gahato gakwiye kubamwo.”

Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, na yo nyene yaragize ico ivuze kuri ico kibazo muri raporo iheruka gushikiriza, iyo na yo ikaba ari “Raporo y’umwihwezo ku bijanye n’abanka gukora ibikorwa vya gisirikare bisunze ijwi ryo mu mutima.” Iyo raporo irerekana amategeko mpuzamakungu yemeza ko umuntu afise uburenganzira bwo kwanka gukora ibikorwa kanaka yisunze ijwi ryo mu mutima. Ayo mategeko kandi arabuza ivyo guhata umuntu mwene uyo mu kumwamizako ibihano.

None Koreya yakiriye gute ako kamo k’amakungu?

Inyubakwa ya Sentare Nkuru

Philip Brumley: Leta ya Koreya ntiyashize mu ngiro ivyapfunditswe na Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu. Ku bw’ivyo, yarananiwe gukurikiza ivyo yiyemeje mu masezerano mpuzamakungu yongera iranka kwemera uburenganzira nyamukuru umuntu afise bwo kwanka gukora ibikorwa kanaka yisunze ijwi ryo mu mutima. N’ikindi kandi, Sentare Nkuru ya Koreya y’Epfo be na Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro zarirengagije ivyapfunditswe na Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu kutakira imanza z’abanka gukora ibikorwa vya gisirikare bisunze ijwi ryo mu mutima. Inama nshingamateka ya Koreya ntiyashize mu ngiro ivyo gutegekanya ibikorwa vya gisivile bisubirira ivya gisirikare kandi nta ntunganyo n’imwe yashizeho yo kubakingira.

Muri rusangi, ukwo gupfungwa kwagize ingaruka izihe kuri iyo misore y’Ivyabona vya Yehova?

Dae-il Hong: Iyo misore ni intwari. Leta ibatumyeko baritaba bazi ko, magingo atakirahinduka, baza kwagirizwa icaha bongere batabwe mw’ibohero. Ntibinyegeza. Ni abanyagihugu beza b’intangakarorero aho bari hose, baba bari mw’ibohera canke hanze y’ibohero. Ikibabaje n’uko iyo barekuwe baba bafise dosiye mbi ku buryo bitaborohera kuronka akazi mu buzi bwa Leta canke mu mashirahamwe akomakomeye. Ubwabo baba baratakaje umwaka n’igice w’ubuzima bwabo bari mu gasho. Imiryango yabo ikaba yabwirijwe kubaho batari kumwe mu kiringo c’umunyororo baciriwe. Ntibari bakwiye gushikirwa n’ayo mahano yose.

Ivyabona vya Yehova bo muri Koreya boba bakwiriye kwagirizwa icaha kandi bagafungwa kubera ko banse gukora ibikorwa vy’agahato vya gisirikare?

Dae-il Hong: Haba namba! Iyo misore si inkozi z’ikibi. Yaba muri Koreya canke kw’isi yose, Ivyabona vya Yehova barazwi ko ari abanyagihugu b’abanyamahoro kandi bubahiriza amategeko, biteguriye kugira ico bafashije mu kibano cabo. Barubaha abategetsi n’amategeko, barariha amakori kandi barasenyera ku mugozi umwe na Leta ku bw’ineza y’abanyagihugu. Ubu vuba, hari umucamanza yaciriye umunyororo umusore umwe w’Icabona kubera ko yanse gukora ibikorwa vya gisirikare yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima. Uwo mucamanza amaze kuvuga ko ata kundi urubanza ruri bucibwe atari ukumukubita intahe mu gahanga, yaciye asoma ingingo yafashwe. Ubwo nyene, nya mucamanza yaciye yipfuka impapuro mu maso, ariyuha iryosozi. Biboneka ko gukubita intahe mu gahanga uwo musore kandi yera vyababaje cane uwo mucamanza ku buryo vyanse ko yigumya. Abari aho na bo nyene barabonye ako karenganyo, baca bakorora amosozi.

Philip Brumley: Vy’ukuri, harageze ko abategetsi ba Koreya batorera umuti ico kibazo kimaze igihe kirekire, bagashiraho intunganyo yubahiriza uburenganzira nyamukuru umuntu afise bwo kwanka gukora ibikorwa kanaka yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima.

Raporo y’inama ya ONU ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yo ku wa 12 Kigarama 2012, A/HRC/22/10, ku rupapuro rwa 7 n’urwa 22, mu ngingo ya 44 n’iya 124 agace ka 53.

Jong-nam Kim et al. v. The Republic of Korea, itangazo no. 1786/2008, Ivyashitsweko na Komite ku wa 25 Gitugutu 2012, ku rupapuro rwa 8, mu ngingo ya 7 agace ka 4

Raporo y’Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, ikaba ari “Raporo y’umwihwezo ku bijanye n’abanka gukora ibikorwa vya gisirikare bisunze ijwi ryo mu mutima,” yo ku wa 3 Ruheshi 2013, A/HRC/23/22, ku rupapuro rwa 3-8, ingingo ya 6-24; no ku rupapuro rwa 9-10, ingingo ya 32 n’iya 33.