Ja ku birimwo

10 MUNYONYO 2015
KOREYA Y’EPFO

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yihweza ingene Koreya y’Epfo ifata abataja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yihweza ingene Koreya y’Epfo ifata abataja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima

Ku wa 9 Mukakaro 2015, Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yo muri Koreya y’Epfo yarashashe kugira yihweze ikibazo c’abantu batatu bayituye kubera banse kuja mu gisoda babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima. Ni imvo izihe zotuma iyo sentare yemera ko babifitiye uburenganzira, kumbure bigatuma na Koreya y’Epfo ibemerera gukora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare? Iyi videwo irerekana muri make ingene urwo rubanza rwagenze be n’ibibazo bihanze iyo sentare.