Ja ku birimwo

12 KIGARAMA 2014
KOREYA Y’EPFO

Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova barasohoye Bibiliya i Séoul

Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova barasohoye Bibiliya i Séoul

David Splane wo mu Nama Nyobozi ariko arashikiriza Bibiliya y’isi nshasha y’ikinyakoreya yasubiwemwo.

I SÉOUL: Ku gikorane mpuzamakungu cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” cabereye i Séoul muri Koreya, Ivyabona vya Yehova barasohoye Bibiliya y’isi nshasha y’ikinyakoreya yasubiwemwo. Ico gikorane cabereye ku kibuga c’i Séoul citiriwe igikombe c’isi yose (Seoul World Cup Stadium) kw’igenekerezo rya 6-8 Nyakanga 2014. Haratanzwe Bibiliya ku buntu ku bari aho bose uko bari 56.867 hamwe n’abandi 59.091 bariko barakurikirana ico gikorane biciye ku buhinga bwa internet bari i Busan, i Daejeon, i Gwangju, i Jeju, i Suwon, n’i Yeosu. Umwe mu bitavye ico gikorane, Joon-yeong Choi, yavuze ati: “Ikintu c’intibagirwa caranze ico gikorane cari isohorwa rya Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo.”

Abantu barenga 56.000 bari mu kibuga barahimbawe cane n’inyigisho zishingiye kuri Bibiliya.

Hari Ivyabona bo muri Kanada, Finlande, Filipine, Polonye, no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bagiye i Séoul kwitaba ico gikorane. Dae-il Hong, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Koreya, yavuze ati: “Twarakoze turatama mu kwitegurira ico kiringo giteye umunezero c’ukwigishwa, kandi ico gikorane cagenze neza kuruta uko twari tuvyiteze. Kari agateka kuba ico gikorane cabereye iwacu.”

Bibiliya zari zisharije ico kibanza.

Abari kuri ico kibuga c’i Séoul citiriwe igikombe c’isi yose bararengewe n’umunezero igihe babona ko zitatu muri Bibiliya nininini cane zari zisharije ico kibanza ari ibibanza vyo kubatirizamwo. Abantu 630 ni bo babatirijwe aho i Séoul, abandi 596 babatirizwa muri vya bindi bibanza, ababatijwe bose hamwe bakaba babaye 1.226.

Bibiliya zari ibibanza vyo kubatirizamwo.

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Koreya y’Epfo: Dae-il Hong, tél. +82 31 690 0033