Ja ku birimwo

KU WA 8 GITUGUTU 2013
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Umwuzure i Colorado

Umwuzure i Colorado

Hagati muri Nyakanga, imvura nyinshi cane yaguye muri leta ya Colorado, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarateye umwuzure watumye amabarabara ataba agihita, ironona amazu yongera irahitana abantu nka 8. Raporo yerekana ko ata Cabona ca Yehova n’umwe yapfuye canke ngo akomereke. Ariko, imiryango y’Ivyabona nka 70 yaba mu turere twasinzikaye yarimuwe irakurwa mu mazu yabo. Abakurambere b’Ivyabona bo mu turere twatewe n’iyo mvura bariko barakora kugira bitwararike ivyo iyo miryango ikeneye, bakayifasha kuronka aho yoba iraba.

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000