Ja ku birimwo

14 Ruheshi 2018
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Haraheze imyaka 75 Sentare nkuru ifashe ingingo y’intibagirwa kubera udukobwa tubiri twubahirije ijwi ryo mu mutima tubigiranye umutima rugabo

Haraheze imyaka 75 Sentare nkuru ifashe ingingo y’intibagirwa kubera udukobwa tubiri twubahirije ijwi ryo mu mutima tubigiranye umutima rugabo

Igihe abandi banyeshure bariko bararamutsa ibendera rya Amerika, Gathie Barnett w’imyaka icenda na mutoyi wiwe Marie w’imyaka umunani, bobo bagumye bahagaze babigiranye icubahiro kandi badakurako umunwa. Ntibari bazi ko kuba bahisemwo kudahemukira Yehova mu kutaramutsa ibendera vyotumye mu 1943 Sentare nkuru ifata ingingo idasanzwe. Utwo dukobwa tubiri twari tuzi ko Yehova ari we gusa dukwiye gusezeranira kudahemukira. Ni bamwe mu bana b’Ivyabona vya Yehova ibihumbi bubahirije ijwi ryabo ryo mu mutima.​—Ivyakozwe 5:29.

Kubera Gathie na Marie bagize umutima rugabo baranka kuramutsa ibendera, baciye birukanwa kw’ishure ry’intango rya Slip Hill riri muri Virginie Occidentale. Se wabo yagumye yunguruza urwo rubanza gushika muri Sentare nkuru yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ku wa 14 Ruheshi 1943, Sentare yafashe ingingo yuko amashure adakwiye guhata abana kuramutsa ibendera yongera ivuga ko Ivyabona vya Yehova batipfuza «gusuzugura ryaba ibendera canke igihugu.» Ingingo yafashwe na Sentare ku bijanye n’urubanza rwaburanya Ubushikiranganji bw’indero bwo muri Leta ya Virginie Occidentale na Barnette yarafuse ingingo yari yafashwe imyaka itatu imbere y’aho mu rubanza rwaburanya Ishure ry’akarere k’i Minersville hamwe na Gobitis, iyo ngingo na yo ikaba yari yahaye amashure uburenganzira bwo gutegeka abanyeshure kuramutsa ibendera. a

Ku bijanye n’ingingo Sentare nkuru yafashe, umucamanza Robert Jackson yavuze ashimika ati: «Ikintu gihambaye mw’ibwirizwa nshingiro ryo muri Amerika ni uko ata mutegetsi naho yoba akomeye gute, yoshobora gushingira abandi amategeko ku bijanye n’ukuntu bakwiye kubona politike, ivyo gukunda igihugu, idini canke ibindi bintu. Kandi nta n’umwe akwiye guhata abantu ngo bemere ivyo leta yipfuza ko bemera.»

Naho abana b’Ivyabona ari bo baciye bungukira kuri iyo ngingo yafashwe, umwigisha w’amategeko muri kaminuza y’i Northwestern, Andrew Koppelman yavuze ati: «Abanyamerika bitaho cane agateka k’abanyagihugu bari bakwiye gushimira Ivyabona vya Yehova kubera ko bamaze igihe bihanganira uruhamo rukaze muri Amerika mu ntumbero yo guharanira agateka k’abanyagihugu kandi natwe tukaba tuvyungukirako gushika ubu.»

Umuhanuzi mu vy’amategeko w’Ivyabona vya Yehova Philip Brumley arasigura ingene iyo ngingo itahinduye gusa amategeko yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Avuga ati: «Ingingo yafashwe mu rubanza rwa Barnette yaratumye ibintu vyinshi bihinduka no mu bindi bihugu kubera ko Sentare nkuru yo muri Arjantine, Kanada, Kosta Rika, Gana, Ubuhindi, Filipine n’iyo mu Rwanda hamwe na Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu zahayagije iyo ngingo zongera zirayisunga mu guca imanza.»

Mu 2006, Gathie, Marie hamwe n’abashakashatsi bazwi kandi bubahwa baratumiwe mu kiganiro cabereye mu kigo Robert H. Jackson i New York, kikaba cari gishingiye ku kuntu ingingo yafashwe mu rubanza rwabo yari ihambaye. Marie avuga ati: «Icandyoheye kuruta n’uko vyafashije abandi bana inyuma y’aho.» Gathie na we yongerako ati: «Ndibuka igihe umuhungu wanje w’imfura yahamagarwa mu biro vy’umuyobozi w’ishure kubera ko ataramukije ibendera. Umuyobozi yamubwiye ati: “Biboneka ko umwigisha wawe atibuka ingingo yafashwe na Sentare nkuru.”»

Gathie yaravuze ingene Ivyabona vya Yehova bose muri rusangi babona ibintu. Avuga ati: «Turubaha ibendera be n’ico riserukira. Ntiturirwanya. Ico tutemera ni ukurisenga no kuriramutsa.»​—1 Yohani 5:21.

a Abakozi bo muri Sentare barihenze mu kwandika amazina ya Gobitas na Barnett.