Ja ku birimwo

27 NDAMUKIZA 2015
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Dorothy Covington, umukenyezi w’umushingwamanza Hayden Covington, yasandavye afise imyaka 92

Dorothy Covington, umukenyezi w’umushingwamanza Hayden Covington, yasandavye afise imyaka 92

Dorothy Mae Sennett Covington yasandabiye i Cincinnati muri Ohio ku wa 14 Ntwarante 2015 afise imyaka 92. Mu myaka ya 1940 na 1950, yarafashije cane mu rugamba rwo kuburanira uburenganzira bw’Ivyabona vya Yehova.

Yarafashije cane mu rugamba rwo kuburanira uburenganzira duhabwa n’ibwirizwa shingiro

Mu myaka ya 1940, Dorothy yaritanze kugira afashe umushingwamanza Victor Schmidt, uno akaba yari Icabona ca Yehova yaburanira uburenganzira bwabo. Ico gihe Ivyabona vya Yehova bariko barahamwa cane muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubera ivyo kwishimira igihugu vyari bishushe cane bitewe na ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Kuba Ivyabona bataja mu birori vyo kwishimira igihugu kandi ntibaje mu gisirikare kubera ijwi ryabo ryo mu mutima, vyari bitandukanye cane n’ukuntu abenshi babona ibintu ico gihe. Igitabu Ugukayangana kw’igihugu cacu (mu congereza) cavuze giti: “Uruhamo rwagiriwe Ivyabona kuva mu 1941 gushika mu 1943 ni co kintu kiranga ukwinubana gukomeye kuruta ukundi kwose gushingiye kw’idini kwadutse muri Amerika mu kinjana ca mirongo ibiri.”

Ivyabona baragabweko ibitero n’utugwi tw’inkozi z’ikibi bongera barafatwa hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ushizemwo akarere ka Cincinnati muri Ohio be no hafi yaho muri Indiana. Victor Schmidt yarafata ingendo akaja hirya no hino muri ako karere kugira aburanire Ivyabona vya Yehova baba bafashwe ku karenganyo. Uretse ko Dorothy yafasha mu gikorwa kijanye n’ivy’amategeko Victor Schmidt yarangura, yarihanganira n’iterabwoba ry’utwo tugwi tw’inkozi z’ikibi abigiranye umutima rugabo akongera akagira uruhara mu gikorwa co kubwira abandi inkuru nziza.

Dorothy yarabonye ko ibintu vyatumye haba imigumuko i Connersville muri Indiana vyari ibidasanzwe. Inyuma y’imisi 17 gusa Sentare nkuru iciye urwa ngondagonde mu rubanza rwari rujanye no kuramutsa ibendera Akarere k’amashure ya Minersville kaburanye n’umuryango wa Gobitis mu 1940, uwujejwe umutekano i Connersville yarafashe Ivyabona batandatu abagiriza ngo ntibubashe ibendera kubera bari banse kwunamira ka kamenyetso k’idarapo rya Amerika bambara ku mpuzu. Aho i Connersville ni ho Victor Schmidt na Hayden Covington baburaniye Ivyabona babiri bahavuye bagirizwa ikinyoma c’uko bafise umugambi w’ubugarariji. Hayden Covington yarabaye umuhanuzi mukuru mu vy’amategeko w’Ivyabona vya Yehova kuva mu 1939 gushika mu 1963.

Victor Schmidt

Umushingantahe Covington ahejeje kuburanira ivyo Vyabona yaciye ubwo nyene afata indege kugira aje mu rubanza rwari kubera i Maine, mugabo Victor Schmidt n’umukenyezi wiwe barasigara kugira bumvirize ingingo ifatwa. Mu nyuma, akagwi k’abantu benshi karabagurukiyeko. Victor, umukenyezi wiwe hamwe n’abandi barakubiswe barashaya, ariko bahavuye babaca mu myanya y’intoke barahunga.

Dorothy n’umugabo wiwe Hayden Covington

Mu kiganiro twagiranye na Dorothy hagisigaye amayinga atatu gusa ngo apfe, yavuze yuko inyuma y’amezi cumi urwo rubanza ruciwe, Ivyabona 75 batawe mu mvuto i Connersville bagirizwa ca kinyoma nyene c’uko bafise umugambi w’ubugarariji. Dorothy yavuze ati: “Benshi muri twebwe Ivyabona twarafashwe ico gihe nyene c’i Connersville, akaba ari ho twahamwe bimwe vy’akataraboneka.”

Hayden Covington, Victor Schmidt hamwe n’abandi barabandanije kuburanira uburenganzira bw’Ivyabona vya Yehova. Covington na Schmidt barashoboye gufutisha imanza zitari nke zaciriwe i Connersville kandi Covington yarafashije Schmidt mu zindi manza zo muri ako karere. Kubera ko Dorothy yafashije cane muri urwo rugamba rujanye n’imanza, we na Hayden bahavuye bacika abagenzi. Bubakanye mu 1949.

Ku cicaro gikuru c’Ivyabona

Dorothy yarimukiye i New York kugira ashigikire Hayden mu gikorwa kitoroshe yarangura ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn. Yarabandanije kumara umwanya munini abwira abantu inkuru nziza mu gihe Hayden yariko aburana imanza zitari nke. Kubera ko Covington yari azwi cane ko ari umwe mu bashingwamanza bo mu gihe ciwe bubaha cane ibwirizwa shingiro, yarakora agatama mu manza amajana zo kuburanira uburenganzira bw’Ivyabona vya Yehova. Yaraburanye incuro zirenga 40 muri Sentare nkuru be n’incuro zirenga 100 muri sentare zisubiramwo imanza zo muri ako karere.

Dorothy yaraherekeza Hayden muri Sentare nkuru agiye kuburanira Ivyabona vya Yehova hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yavuze ati: “Hayden yaraburaniye umwidegemvyo rimwe na rimwe dufata minenerwe. Kuba yabayeho afasha abari babikeneye haba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no mu yindi mihingo myinshi, mbona ko ari ikintu ciza igitangaza.”

Umuryango be n’igikorwa co kuvuga inkuru nziza

Mu 1959, Dorothy na Hayden baravyaye umukobwa bise Lynn, haciye imyaka itatu na ho bavyara umuhungu bise Lane. Uwo muryango wahavuye uva i New York usubira muri Ohio mu 1972. Uko abo bana bagenda barakura, Dorothy yaramara umwanya abigisha Bibiliya akongera akamara umwanya munini abwira abandi inkuru nziza.

Uwo serugo Hayden yasandavye ku wa 21 Munyonyo 1978. Dorothy yaciye asubira gukora umwuga wiwe wo kwandika no gupanga ibisomwa, akaba yarakoreye ibinyamakuru bitandukanye, ushizemwo icitwa The Cincinnati Enquirer. Gukoresha imashini bita Linotype ntihari aho gutuma umwana, bikaba mbere vyabonwa nk’akazi k’abagabo kubera ko vyasaba kwinjiza mu mashini utwuma turiko indome twatuma imirongo igize igisomwa yipanga neza. Igihe Dorothy yakukuruka mu 1988, yaciye asubira kwitanga kugira amare umwanya munini yigisha abantu Bibiliya. Yari azwi ko ari umunyamwete, ko azi cane Bibiliya be n’uko yari ashoboye kwishura ibibazo mu guca yerekana umurongo wo muri Bibiliya udomako.

Dorothy yapfuye yabanje kubura umuhungu wiwe Lane, akaba yasize umukobwa wiwe Lynn, umukwe wiwe Gary Elfers, abuzukuru babiri hamwe na mutoyi wiwe Ruth Sennett Naids.