Ja ku birimwo

13 RUSAMA 2014
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Ibihuhusi bikomeye hagati no mu bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Ibihuhusi bikomeye hagati no mu bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Ku wa 27 Ndamukiza 2014, ikirere carahindutse bituma haduka ibihuhusi bikomeye hagati no mu bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo bihuhusi vyarabomoye amazu, kandi amakuru dufise yerekana ko vyahitanye abantu barenga 30. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bimenyesha ko ata Cabona n’umwe yahasize agatwe canke ngo akomereke, ariko hariho amazu indwi yononekaye. Vyongeye, inyubakwa zitatu Ivyabona basengeramwo zarononekaye. Amakomite agizwe n’Ivyabona bo muri ako karere bitanga ariko aragarukira ku bashikiwe n’ivyo vyago.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000