Ja ku birimwo

20 RUSAMA 2015
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Ntuze utangwe n’ibikorane vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!”

Ntuze utangwe n’ibikorane vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!”

NEW YORK: Ku wa gatanu mu gitondo, itariki 22 Rusama 2015, ni ho Ivyabona vya Yehova batangura ibikorane vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” Ivyo bikorane vy’imisi itatu, vyabereye mu bibanza 10 vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika be no mu nyubakwa y’ibirori ya Stanley Theater iri i New Jersey (aho herekanywe kuri iyo foto). Hari hitezwe abantu barenga 41.000 buri musi muri ivyo bibanza 11 vyose.

Richard Brown, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ari ku cicaro gikuru cabo i New York, avuga ati: “Uwo wese azokwitaba ubutumire twamuhaye mu kwifatanya natwe mu gikorane kizobera mu karere abamwo, tuzomwakirana urweze kandi turizigiye ko azohimbarwa. Muri ivyo bikorane vy’imisi itatu vyataziriwe ngo ‘Niwigane Yezu!’, hashikirizwa mu buryo buteye igomwe inyigisho zikora ku mutima za Yezu, zigenewe abantu bose, abakuze n’abakiri bato.”

Kuva muri Rusama 2015 gushika muri Nzero 2016, Ivyabona vya Yehova bazogira nk’ibikorane 5.000 vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” mu bihugu 92. Ivyo bikorane vyatunganijwe n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, bizoshikirizwa vyaba vyose canke ibice vyavyo mu ndimi 347 harimwo indimi z’ibimenyetso 55.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: Richard Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél: +1 718 560 5000