9 KIGARAMA 2015
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA
Basozera ibikorwa nyamukuru vy’ubwubatsi bw’icicaro gikuru gishasha
NEW YORK: Kuva muri Myandagaro gushika muri Gitugutu 2015, ubwubatsi bw’icicaro gikuru gishasha c’Ivyabona vya Yehova i Warwick muri New York bwari bushushe. Abakozi 3.800 baritanze barafasha muri ico gikorwa buri musi.
Kuva batanguye kwimba umushinge muri Mukakaro 2013, Ivyabona barenga 18.000 bo mu turere dutandukanye twa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ushizemwo Alaska na Hawayi, baraje gufasha muri ubwo bwubatsi. Buri mpera y’umushamvu haza nk’abakozi bari hagati ya 400 na 500, naho ico gitigiri cigeze no gushika ku 700 mu biringo ibikorwa vyari bishushe. Abenshi mu baza gufasha bahamara ikiringo kiri hagati y’indwi imwe n’indwi zine.
Richard Devine, ahagarikiye komite y’ubwubatsi bw’i Warwick, avuga ati: “Hamwe kw’ishantiye hokwama buri musi hari abantu ibihumbi, nta n’uworonka aho ahonyora. Kugira ibikorwa bigume bigenda neza kandi ku rutonde, twabaciyemwo imigwi ibiri. Abagera ku 400 bashinzwe gukora kuva isaha icenda z’umuhingamo gushika isaha umunani z’ijoro.” Iyo ndinganizo yakoze kuva muri Rusama gushika muri Nyakanga.
Komite y’ubwubatsi bw’i Warwick imenyesha ko zibiri mu nyubakwa zine z’uburaro zizoba zimaze kurangira muri Nzero 2016 nk’uko vyari vyarategekanijwe. Ariko rero, Richard Devine amenyesha ati: “Ibikorwa vyose vyo kuri iyo shantiye bizorangira hagisigaye amezi ane ngo ikiringo cari carategekanijwe kigere. Ivyo tubikesha utwigoro abenshi bagize.” Ubwubatsi bw’izindi nyubakwa z’uburaro, amabiro be na garaje butegekanijwe kuzoba bwarangiye itariki 1 Nyakanga 2016.
Uwujejwe amakuru:
Ku rwego mpuzamakungu: Richard Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000