Ja ku birimwo

27 RUHUHUMA 2015
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Ivyabona bararonse ubushimwe budasanzwe kubera bagira imigero kandi bakubaka mu buryo butabangamira ibidukikije

Ivyabona bararonse ubushimwe budasanzwe kubera bagira imigero kandi bakubaka mu buryo butabangamira ibidukikije

NEW YORK: Ivyabona vya Yehova, abazwi cane kubera igikorwa co kwigisha Bibiliya barangurira kw’isi yose, bariko barashimirwa cane kubera ari aba mbere mu kugira imigero no mu kwubaka mu buryo bukingira ibidukikije.

Ishirahamwe riharanira ubwubatsi butabangamira ibidukikije (GBI) ryaratanze ubushimwe ku bw’inyubakwa zibiri nshasha zo kw’ishami ry’Ivyabona vya Yehova muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziri i Wallkill muri New York. Izo nyubakwa ni iy’uburaro bita F iri kw’iyororero-rimiro rya Watchtower yuzuye mu mpera za 2012 be n’iy’amabiro yuzuye mu 2014. Izo nyubakwa zompi barazironkeye agashimwe ruheta kitwa quatre Green Globes.

Inyubakwa y’amabiro ya Watchtower iri i Wallkill

Shaina Sullivan, umuyobozi ajejwe ivy’ubudandaji muri iryo shirahamwe, avuga ati: “Kw’isi nzima, ibice bidashika bine kw’ijana vy’inyubakwa twihweje muri iyi porogarama ni zo zaronse ako gashimwe ruheta.” Umupfasoni Sullivan yavuze kandi ko inyubakwa y’amabiro ya Watchtower iri i Wallkill “ari yo nyubakwa ya mbere atari iyo kubamwo ironse ako gashimwe muri Leta ya New York.” Jenna Middaugh, akaba ajejwe gutunganya imigambi muri rya shirahamwe GBI, yavuze ati: “Mu nyubakwa 23 zaronse ako gashimwe [muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika] kuva mu 2006, inyubakwa y’amabiro ya Watchtower iri i Wallkill ni yo yarushije izindi zose, ikaba yaronse amanota 94 kw’ijana.”

Inyubakwa y’uburaro bita F iri kw’iyororero-rimiro rya Watchtower

Iryo shirahamwe GBI ritanga ubwo bushimwe muri porogarama yo gusuzuma no gutanga amanota ku bw’inyubakwa rikoresheje abandi bantu bishikira ku kivi bakaraba ko imigero n’ubwubatsi vyagizwe ku buryo bizoramba. Ubwo bushimwe butangwa harabwe ko abagize imigero bitwararitse cane ibidukikije, ivyo bikaba birimwo kuziganya amazi, gukoresha umuyagankuba mukeyi no kugabanya cane ivyuka birungikwa mu kirere, kugabanya cane ingaruka ku bidukikije mu guhitamwo ibikoresho bibereye be no gutuma mu nyubakwa haba akayaga keza.

Ivyo vyuma bihingura umuyagankuba uva ku zuba biratanga n’imiburiburi ibice 10 kw’ijana vy’uwukenewe mu nyubakwa y’amabiro ya Watchtower iri i Wallkill, akaba ari kimwe mu bituma inyubakwa ironka ka gashimwe.

David Bean, umuhuzabikorwa araba ko inyubakwa z’Ivyabona muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika zigirirwa imigero iramba, avuga ati: “Kuba twararonse ubwo bushimwe biremeza ko tugira imigero kandi tukubaka twisunze amategeko adasanzwe agenga amashantiye yacu yose. Vyongeye, twipfuza kuronka ako gashimwe ku bw’icicaro cacu gikuru gishasha c’i Warwick muri New York.”

Bariko batunganya igisenge giteyeko ivyatsi, kikaba ari kimwe mu bintu icicaro gikuru gishasha c’Ivyabona kiri i Warwick muri New York cisangije.

Zeny St. Jean, akaba acungera ibikorwa vy’ubwubatsi Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose ari ku cicaro cacu gikuru, avuga ati: “Naho ikintu twitwararika cane ari uguteza imbere ivyo kwigisha Bibiliya, turahimbarwa no kuronka ubwo bushimwe. Ni ikimenyetso c’uko abahinga bashima utwigoro tugira mu gukingira ibidukikije igihe tugira imigero canke twubaka inyubakwa zacu hirya no hino kw’isi.”

Abajejwe amakuru:

Urwego mpuzamakurngu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000