Ja ku birimwo

7 KIGARAMA 2015
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Igurishwa benshi bari barindiranye umushasharo

Igurishwa benshi bari barindiranye umushasharo

NEW YORK: Ivyabona vya Yehova bariko baragurisha bimwe mu bibanza bihurumbirwa cane vy’i Dumbo n’i Brooklyn Heights muri New York. Abakiriya baratanguye guhiganirwa inyubakwa y’igorofa icenda iri kw’ibarabara Columbia Heights inomero 124 n’ikibanza kiri kw’ibarabara Jay Street inomero 85, ico kikaba ari kimwe mu bibanza binini vy’i Brooklyn bitubatse. Inyubakwa z’icicaro gikuru cabo ziri kw’ibarabara Columbia Heights inomero 25 na 30 na zo nyene ziriko ziragurishwa. Ivyo bibanza bitatu biriko bigurishwa n’urwego rw’Ivyabona vya Yehova rujejwe ivyo kugura no kugurisha amatongo (Watchtower Real Estate Office) kandi bizogurishwa kimwekimwe ukwaco.

Ku bijanye n’ico kibanza kingana na metero kwadarato 12.542 kiri kw’ibarabara Jay Street inomero 85, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova Richard Devine avuga ati: “Ni ikibanza kinini cane kiri muri karitiye ya Dumbo irimwo uruja n’uruza rwinshi, kandi kirashobora kwubakwamwo igorofa amahero.”

Ikibanza co kw’ibarabara Jay Street inomero 85, kiri munsi y’ikiraro c’i Manhattan muri karitiye ya Dumbo irimwo uruja n’uruza rwinshi.

Inyubakwa y’uburaro ingana na metero kwadarato 14.121 yo kw’ibarabara Columbia Heights inomero 124, iri hafi y’ibarabara abantu bakunda gucamwo bariko barisamaza riri mw’ikaritiye ndangakahise ya Brooklyn Heights. Richard Devine avuga ati: “Ni inyubakwa nziza cane, uyirimwo ukaba ushobora kubona ikiraro c’i Brooklyn, ca gishusho c’umwidegemvyo (Statue de la Liberté) hamwe n’ikirere giteye igomwe c’i Manhattan.”

Inyubakwa yo kw’ibarabara Columbia Heights inomero 124 iri mw’ikaritiye ndangakahise ya Brooklyn Heights.

Icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova cari kimaze imyaka mirongo kiri kw’ibarabara Columbia Heights inomero 25 na 30 (ifoto iri hejuru), kandi abantu benshi bo mu gisagara ca New York barahazi kubera icapa canditseko Watchtower n’isaha nini bihari. Iyo nyubakwa ya metero kwadarato 68.098, iri ku mpande zibiri z’ibarabara, uyirimwo ukaba ushobora kubona neza ikiraro c’i Brooklyn.

Ku bijanye n’uwo mugambi ukomeye w’Ivyabona, Richard Devine yongerako ati: “Iryo gurishwa ni iyindi ntambwe duteye mu bijanye no kwimurira icicaro gikuru cacu i Warwick muri New York.”

Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ivyo bibanza, ja kuri www.watchtowerbrooklynrealestate.com. Ushaka amafoto be n’ivyashikirijwe ku bijanye n’ivyo bibanza, urashobora kubisaba mu Biro bijejwe amakuru.

Uwujejwe amakuru:

David A. Semonian, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000