Ja ku birimwo

8 NYAKANGA 2014
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Lillian Gobitas Klose, uwabaye imbarutso y’urubanza rw’intibagirwa rwaciwe na Sentare ntahinyuzwa mu 1940 akiri akanyeshure, aheruka gupfa afise imyaka 90

Lillian Gobitas Klose, uwabaye imbarutso y’urubanza rw’intibagirwa rwaciwe na Sentare ntahinyuzwa mu 1940 akiri akanyeshure, aheruka gupfa afise imyaka 90

NEW YORK: Lillian Gobitas Klose aheruka gupfira i muhira iwe i Fayetteville muri Jeworojiya ku wa 22 Myandagaro 2014 afise imyaka 90. Yarigeze gufata ingingo yo kutaramutsa ibendera, aca aba imbarutso y’urubanza rw’intibagirwa rwaciwe na Sentare ntahinyuzwa yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

William Henry Gobitas (i bubamfu), Walter Gobitas na Lillian Gobitas, inyuma y’aho abo bana birukaniwe kw’ishure bahorwa ko bataramukije ibendera mu 1935.

Ikete Lillian Gobitas yandikiye abajejwe ishure rya Minersville mu 1935, aburanira ukwizera kwiwe.

Lillian Gobitas na mutoyi wiwe William, bompi bari Ivyabona vya Yehova. Barafashe ingingo yo kutaramutsa ibendera aho bumviye ikiganiro caciye kw’iradiyo y’igihugu ku wa 6 Gitugutu 1935, cavuga ko Bibiliya yiyamiriza ivyo gusenga ibigirwamana. Haciye amayinga makeyi, barirukanywe kw’ishure kubera iyo ngingo bari bafashe. Se wabo Walter yaciye yitura ubutungane kugira akingire uburenganzira bw’abana biwe maze aratsinda mu masentare yo ku mugina. Abajejwe iryo shure baciye bungururiza muri Sentare ntahinyuzwa. Ku wa 3 Ruheshi 1940, uwo muryango warakubiswe intahe mu gahanga muri urwo rubanza Akarere k’amashure ya Minersville kaburanye n’umuryango wa Gobitis (izina ry’umuryango ryanditswe nabi mu nyandiko za sentare). Haciye imyaka itatu, ku Musi wahariwe ibendera, ni ukuvuga ku wa 14 Ruheshi 1943, Sentare ntahinyuzwa yarasubiye kwihweza urwo yari yaciriye umuryango wa Gobitis mu 1940. Mu rubanza yari yaciye rwari hagati y’Uburongozi bw’indero bwa Leta ya Virijiniya y’Uburengero na Bernette, iyo Sentare yaremeye ko abana b’Ivyabona basubira kw’ishure. Ryari ryo rya mbere muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika Sentare ntahinyuzwa yisubirako mu gihe gitoyi cane gutyo ku ngingo yafashe.

Lillian Gobitas yavukiye i Minersville muri Pensilivaniya ku wa 2 Munyonyo 1923. Se wiwe yitwa Walter Gobitas, nyina akitwa Ruth. Ku wa 14 Ntwarante1935, yarabatijwe aba Icabona ca Yehova. Igihe uwo mwigeme Gobitas yari afise imyaka 20, yaratanguye kuza aramara umwanya munini yigisha Bibiliya (umuntu nk’uwo Ivyabona bakaba bamwita umutsimvyi asanzwe). Mu nyuma yarakoreye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn muri New York, kuva muri Ruhuhuma 1946 gushika muri Ndamukiza 1953.

Lillian n’umunega wiwe Erwin Klose, igihe bari abamisiyonari i Vienne muri Otrishe mu 1954.

Igihe umwigeme Gobitas yitaba ibikorane Ivyabona vya Yehova bagiriye i Buraya mu 1951, yaramenyanye n’uwitwa Erwin Klose ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vyo mu Budagi. Barabandanije kuba abagenzi igihe Klose yitaba Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi, rikaba ari ishure risohora abamisiyonari b’Ivyabona, ryabera i South Lansing muri New York. Klose yarangije iryo Shure mu 1952 maze arungikwa kwigisha Ijambo ry’Imana i Vienne muri Otrishe. Umwigeme Gobitas na we nyene yahavuye yitaba iryo Shure arirangiza muri Ruhuhuma 1954.

Ku wa 24 Ntwarante 1954, yarubakanye na Klose i Vienne maze babandanya igikorwa c’ubumisiyonari bari kumwe muri Otrishe. Mu mpera z’uwo mwaka, barasubiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubera ko Klose yari akitswe n’amagara biturutse ku mabi yari yarakorewe igihe yari mw’ikambi y’itunatuniro y’Abanazi ahorwa ko ari Icabona ca Yehova. Bahavuye bibaruka abana babiri ari bo Stephen Paul na Judith Deborah. Mu 1967, umuryango wa Klose warimukiye i Riverdale muri Jeworojiya, aho barushirije gukora umurimo wabo wo kwigisha Bibiliya uko bagize umuryango.

Umupfasoni Gobitas Klose yasize umukobwa wiwe Judith Klose, bene wabo babiri ari bo Jeanne Fry na Grace Reinisch hamwe na musazawe wundi Paul Gobitas. Yahambije mu rupfu umunega wiwe, abavyeyi biwe, musazawe William Gobitas, mwene wabo Joy Yubeta be n’umuhungu wiwe Stephen Paul Klose.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000