Ja ku birimwo

28 NTWARANTE 2014
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Umusozi warihaye inkumbi muri Leta ya Washington

Umusozi warihaye inkumbi muri Leta ya Washington

Umusozi warazitse amazu ku burebure bungana n’ikilometero n’igice i Snohomish County muri Washington, muri Amerika ku wa 22 Ntwarante 2014. Abategetsi bo ng’aho bamenyesha ko abantu 90 bataramenya irengero ryabo, abandi 17 na bo bakaba barapfuye. Ibiro vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Amerika bimenyesha ko umukenyezi umwe w’Icabona ca Yehova ari muri abo batazwi irengero ryabo. Hari umuryango umwe w’Ivyabona wabuze umukobwa wabo n’umwuzukuru wabo bahitanywe n’ico cago. Ico cago catumye Ivyabona babiri bata ingo zabo, iyindi nzu y’Icabona irasambuka yose. Abaserukira Ivyabona vya Yehova bo muri ako karere bariko baragarukira ku bashikiwe n’ico cago bongera babaremesha.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000