19 NZERO 2024
MADAGASKARI
Harasohotse Bibiliya: Inkuru nziza yanditswe na Matayo mu ndimi zitatu zo muri Madagaskari
Itariki 7 Nzero 2024, harasohotse Bibiliya: Inkuru nziza yanditswe na Matayo mu rurimi rw’igi Tandroy, igi Tankarana n’iki Vezo. Ikoraniro ridasanzwe ryabereye mu turere dutatu dutandukanye two muri Madagaskari dusanzwe tuvugwamwo izo ndimi. Abari bitavye ikoraniro bararonse ikopi y’ico gitabu cari gihejeje gusohoka. Kandi ico gitabu barashobora no kukivoma mu buhinga bwa none.
Igi Tandroy
Umuvukanyi Paul Rahajanirina ari mu bagize Komite y’ishami rya Madagaskari yaratangaje ko hasohotse Bibiliya: Inkuru nziza yanditswe na Matayo mu rurimi rw’igi Tandroy, abantu 442 ni bo bari bakoraniye ku Ngoro y’Ubwami mu gisagara ca Ambovombe. Vyongeye, hari n’abandi 681 bariko bakurikirana iyo programa kuri zoom. Ubu, abavukanyi na bashiki bacu 662 ni bo bari mu mashengero n’imigwi 25 bikoresha ururimi rw’igi Tandroy muri Madagaskari.
Igi Tankarana
Umuvukanyi Rolland Rafalibera ari muri Komite y’ishami, yaratangaje ko hasohotse Bibiliya: Inkuru nziza yanditswe na Matayo mu rurimi rw’igi Tankarana, hakaba hari kw’ikoraniro ridasanzwe ryabereye ku Ngoro y’Ubwami mu gisagara ca Antsiranana. Abavukanyi na bashiki bacu 904 ni bo bari bitavye iryo hwaniro, abandi 1.218 bayikurikiranye kuri zoom. Abavukanyi na bashiki bacu barenga 1.000 ni bo bari mu mashengero n’imigwi 28 bikoresha ururimi rw’igi Tankarana muri Madagaskari.
Iki Vezo
Umuvukanyi Christopher Thomas ari muri Komite y’ishami ni we yatangaje ko hasohotse Bibiliya: Inkuru nziza yanditswe na Matayo mu rurimi rw’iki Vezo kw’ikoraniro ridasanzwe ryabereye ku Ngoro y’Ubwami mu gisagara c’i Toliara. Abavukanyi na bashiki bacu 1.290 bari ku Ngoro y’Ubwami, abandi 305 bakurikirana iryo koraniro kuri zoom. Abavukanyi na bashiki bacu 706 bari mu mashengero n’imigwi 20 bikoresha ururimi rw’iki Vezo.
Naho izo programa zabera mu bibanza bitandukanye, abavukanyi na bashiki bacu bose barahimbawe cane bongera bakenguruka kubona bararonse impinduro nziza, itomoye kandi yoroshe gusoma y’igitabu ca Matayo mu rurimi rwabo.
Turakengurukira Yehova kuba abavukanyi bacu bavuga igi Tandroy, igi Tankarana, n’iki Vezo muri Madagaskari bararonse iyo mpinduro nshasha izobafasha gushemeza Imana no gutuma barushiriza kuyizera.—Matayo 5:3.