29 RUSAMA 2020
MALAWI
Abantu amamiliyoni muri Malawi barakurikira amakoraniro biciye kw’iradiyo no kuri televiziyo
Komite y’ishami rya Malawi yaratunganije ko amakoraniro y’ishengero yoca kuri televiziyo no kw’iradiyo y’aho. Uretse abavukanyi bacu, hari abandi bariko barayungukirako. Muri Malawi hari Ivyabona vya Yehova barenga 100.000, ariko abakora kuri televiziyo no kw’iradiyo bavuga ko buri wikende abantu bashika imiliyoni zibiri ari bo bakurikirana ayo makoraniro kuri televiziyo, abashika imiliyoni umunani na bo bakayakurikirana kw’iradiyo.
Nk’uko biri no mu bindi bihugu vyinshi, abavukanyi bacu bo muri Malawi ntibakigirira amakoraniro ku Ngoro z’Ubwami kubera ikiza ca korona. Abamamaji nka bose barafise iradiyo canke televiziyo. Ivyo bituma n’abadashobora kuronka internet canke kugira amakoraniro bakoresheje ubuhinga bwa vidéoconférence bungukira ku makoraniro.
Ayo makoraniro aba mu rurimi rw’igicicewa, rukaba ari rwo rurimi nyamukuru rukoreshwa muri ico gihugu. Amakoraniro yerekanwa kuri televiziyo aba ariko arahindurwa no mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Malawi. Uretse insiguro ishikirizwa abantu bose, barerekana n’amavidewo yacu canke ibikino bishingiye ku busomyi bwa Bibiliya. Mu gusozera izo programe, bararemesha bose kuja ku rubuga rwa jw.org kugira bamenye n’ibindi mu ndimi bipfuza.
Ayo makoraniro yaratumye abantu benshi bahindura ivyiyumviro bitari vyo bari bafise ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova. Umugabo umwe yanditse ati: “Maze indwi zitari nke numviriza insiguro mushikiriza kw’iradiyo. Ziratanga inyishu zitomoye ku binyoma abantu bakwiragiza ku biberekeye. Insiguro zanyu ziratandukanye n’izo mu yandi madini; ziradukora ku mutima.” Uwo mugabo hamwe n’umuryango wiwe baratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.
Augustine Semo, ahagarikiye Ibiro bijejwe gutanga amakuru muri Malawi, asigura ati: “Ayo makoraniro aca kw’iradiyo no kuri televiziyo arafasha cane abavukanyi bacu kugumana urutonde rwabo rujanye n’ivyo gusenga. Yaratumye kandi abantu benshi batari Ivyabona bamenya ibintu twigisha bishingiye kuri Bibiliya. Twiteze ko nivyasubira gukunda ko tugirira amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami, tuzobona abashasha benshi baza ku makoraniro.”
Turahimbawe no kumenya ko Ivyabona bagenzi bacu bo muri Malawi hamwe n’abandi bantu bashobora kuguma basenga Yehova muri ibi bihe bitoroshe. Biratuma turushiriza gukengurukira “umushumba w’umwizigirwa,” we akora ibishoboka vyose kugira ngo abantu bose bamenye ukuri kwo muri Bibiliya.—Matayo 24:45.