Ja ku birimwo

3 MUKAKARO 2014
MEGIZIKE

Ivyabona baja mw’ihayanishwa ry’ibitabu be n’ibinyamakuru ryabaye mu 2014 mu gisagara ca Mexico

Ivyabona baja mw’ihayanishwa ry’ibitabu be n’ibinyamakuru ryabaye mu 2014 mu gisagara ca Mexico

IGISAGARA CA MEXICO—Ivyabona vya Yehova bari mu mashirahamwe 150 asohora ibitabu yari mw’ihayanishwa rya mbere ry’ibitabu ryari ryatunganijwe n’urwego rwo muri Megizike rukurikirana ivyo gucapura (CANIEM). Iryo hayanishwa ryabereye ahari icicaro gikuru c’ubucuruzi (World Trade Center) mu gisagara ca Mexico kuva ku wa 25 Ndamukiza 2014 gushika ku wa 4 Rusama 2014. Urwego CANIEM rwari rwatunganije iryo hayanishwa mu ntumbero yo kwibuka imyaka 50 rumaze rushinzwe. Abantu baje kuraba iryo hayanishwa bababa 20.000.

Ivyo ivyo Vyabona bahayanisha vyari ibitabu, ibinyamakuru be n’amavidewo, vyose bikaba bishingiye kuri Bibiliya. Barereka kandi abantu umuhora wabo wemewe n’amategeko, ari wo www.pr418.com. Uwo muhora uriko ibitabu vyabo mu ndimi zirenga 650, umuntu akaba ashobora kubivoma. Abaje aho hantu baratoye ibitabu 1.600 vy’Ivyabona, kandi hari n’abasavye ko Ivyabona bobagendera i muhira iwabo. Nk’uko Ivyabona basanzwe babigira, ivyo bitabu vyabo ntivyagurishwa kandi n’abasaba kwigishwa Bibiliya nta co bariha.

Gamaliel Camarillo, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Mexico, avuga ati: “Twarahimbawe no kuba abantu benshi baraje kuraba ibitabu vyacu maze barerekana ko bipfuza kumenya Bibiliya be n’ibijanye n’umuhora wacu, jw.org. Gufasha abantu bafise vyinshi bakora kuronka ku buntu ibitabu canke amavidewo ni igikorwa ngirakamaro. Twararoraniwe cane muri iryo hayanishwa.”

Uwujejwe (abajejwe) amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Mexico: Gamaliel Camarillo, tel. +52 555 133 3048