Ja ku birimwo

28 MUNYONYO 2014
MEGIZIKE

Abategetsi bo muri Megizike barashimiye Ivyabona kubera ko basukuye ikibuga c’inkino

Abategetsi bo muri Megizike barashimiye Ivyabona kubera ko basukuye ikibuga c’inkino

MU GISAGARA CA MEXICO: Kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2014, Ivyabona vya Yehova barenga 250 baritanze barafasha gusukura ikibuga c’inkino ca Baldomero “Melo” Almada, mu gutegura urubanza rudasanzwe. Ico gikorwa bakoze catumye abategetsi babashimira cane.

Porofeseri Antonio Cota Márquez, umuyobozi mukuru ajejwe ivyo kwinonora imitsi i Huatabampo mu gisagara ca Mexico, yari amaze amezi menshi arondera abantu boza gufasha gusukura ico kibuga. Ico gikorwa categerezwa kuba carangiye kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2014, umusi buramatari yari guhagarikira ibirori vyo kwinjira ahantu hashasha hogiye harabera amahiganwa y’abirutsi. Ivyabona vya Yehova baritavye akamo batewe n’uwo muyobozi. Barafashije uwo muyobozi be n’urwego rujejwe isuku kuri ico kibuga gukora ibikorwa birengeye ivyo bari bitezweko: barakuye umwavu wari muri ico kibuga, barasiga irangi ku kibuga ca basiketi bongera barakubura.

Ikibanza co muri ico kibuga Ivyabona bama basengeramwo.

Uwo muyobozi Cota yahisemwo kurondera Ivyabona kubera ko yari asanzwe azi ukuntu bafata neza ikibanza co kuri ico kibuga bama basengeramwo mu rurimi rw’igisupanyoli no mu rwitwa mayo. Uwo muyobozi aho aboneye ingene ivyo Vyabona basukuye ico kibuga bongera barakora n’ibintu vyari vyarononekaye, yavuze ati: “Turahimbawe cane no kubona abantu bitanga bagakora nk’abikorera, bagakoresha umwanya wabo mu gusukura iki kibuga cacu.” Mu nyuma yongeyeko ati: “Kw’izina ry’umukuru w’igisagara, Ramón Díaz Nieblas, turabashimiye cane ku bw’igikorwa mwaranguye uno musi. Tuzoguma tubemerera gukoresha iki kibanza. Turakorwa ku mutima n’ukuntu mufatana ibintu uburemere kandi mugasenyera ku mugozi umwe.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Megizike: Gamaliel Camarillo, tél. + 52 555 133 3000