Ja ku birimwo

4 MUNYONYO 2015
MEGIZIKE

Icete co gukengurukira Ivyabona kubera bigisha Bibiliya mu mabohero yo muri Megizike

Icete co gukengurukira Ivyabona kubera bigisha Bibiliya mu mabohero yo muri Megizike

IGISAGARA CA MEXICO: Abategetsi ba leta ya Baja California muri Megizike, barahaye Ivyabona vya Yehova icete co kubakengurukira kubera bigisha Bibiliya mu mabohero y’iyo leta. Ico cete cateweko umukono n’umunyamabanga wo mu biro bikuru bijejwe umutekano w’abanyagihugu ari we Daniel De La Rosa Anaya be n’umunyamabanga wo mu biro bikuru bijejwe ivy’amabohero ari we Jesús Héctor Grijalva Tapia.

Ico cete kivuga giti: “Biciye ku munyamabanga wo mu biro bijejwe umutekano w’abanyagihugu, leta irakengurukiye Ivyabona vya Yehova kubera ukuntu bafasha bivuye inyuma abantu bo muri leta ya Baja California. Barafasha cane imbohe bigatuma bitazigora igihe zisubiye mu buzima busanzwe.”

Jesús Manuel López Moreno umukuru wa rya bohero ry’i Mexicali.

Ivyabona vya Yehova bama bagendera amabohero atari make y’i Baja California, harimwo n’iry’i Mexicali. Iryo bohero batanguye kurigendera mu 1991 inyuma y’aho imbohe imwe ibisabiye. Mu kiganiro Jesús Manuel López Moreno umukuru w’iryo bohero yagiraniye n’Ivyabona, yagize ati: “Igikorwa mukora co kuza kwigisha kiradufasha kwereka imbohe ko ari abantu nk’abandi, ko bafise agaciro be n’uko hazogera igihe bakarekurwa maze bagaterera mu guteza imbere igihugu. . . . Ndabashimiye cane.”

Gamaliel Camarillo umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova wo muri Megizike avuga ati: “Ivyabona vya Yehova bipfuza ahanini gufasha abantu gutahura ivyo Bibiliya yigisha, harimwo n’abapfunzwe. Ishengero ry’i Mexicali ritumenyesha ko hari abantu n’imiburiburi umunani babatijwe baraba Ivyabona vya Yehova bari muri iryo bohero. Twipfuza ko abantu bose baronka akaryo ko kwungukira ku nyigisho ya Bibiliya.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Megizike: Gamaliel Camarillo, tél. +52 555 133 3048