Ja ku birimwo

Abavukanyi bari kw’ibarabara barindiriye ikibunguruza kugira bashike ahantu hatekanye

KU WA 2 NZERO 2024
SUDANI

Abavukanyi na bashiki bacu barasubiye guhunga kubera intambara iriko ibera muri Sudani

Abavukanyi na bashiki bacu barasubiye guhunga kubera intambara iriko ibera muri Sudani

Abavukanyi bateruye mugenzi wabo arwaye, bakaba bariko barahunga bava i Wad Madani

Ku wa 15 Kigarama 2023, imigwi ibiri yitwaje ibirwanisho yaratanye mu mitwe ku murwa mukuru wa Sudani i Khartoum. Iyo ntambara yarashitse no mu gisagara kigira kabiri mu bunini co muri ico gihugu, citwa Wad Madani. Nk’uko vyari vyavuzwe kuri jw.org, igihe iyo ntambara yatangura i Khartoum muri Ndamukiza 2023, abavukanyi na bashiki bacu barahungiye mu karere gatekanye i Wad Madani nko ku bilometero 170 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Khartoum. Ariko ubu, abavukanyi na bashiki bacu barenga 150 baciye basubira guhunga iyo ntambara.

Ingaruka vyagize ku bavukanyi n’abadada

  • Nta muvukanyi canke umudada yakomeretse canke ngo yicwe

  • N’imiburiburi abavukanyi n’abadada 158 barataye izabo. Bamwe muri bo bahungiye mu bisagara bibanyi canke mu bindi bihugu

  • Abavukanyi n’abadada 10 hamwe na bake mu ncuti zabo batari Ivyabona vya Yehova barasigaye i Wad Madani

Ibikorwa vyo gutabara

  • Abahagarikizi b’imizunguruko n’abakurambere bo ng’aho bararemesheje abashikiwe n’ivyo bibazo bakoresheje Bibiliya

  • Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago yo muri Sudani be n’ayo mu bihugu bibanyi arabandanya gutunganya ibikorwa vyo gutabara no gutanga imfashanyo harimwo ibifungurwa, imiti n’uburaro

Abantu indwi babatijwe kw’ihwaniro ryabereye i Wad Madani imisi mike imbere y’uko intambara itangura

Birashimishije kuba indwi imwe imbere y’uko intambara itangura i Wad Madani, ibiro vy’ishami vyo muri Afrika y’ubuseruko vyari vyatunganije ingene abahunze bakurikirana ihwaniro ryafashwe amajwi ryo mu 2023 ryataziriwe ngo ‘Niwihangane’ mu rurimi rw’icarabu. Mu bantu 200 bakurikiranye iryo hwaniro, harimwo abavukanyi na bashiki bacu 145 bahunze bava i Khartoum. Kuri iryo hwaniro, benshi barakengurutse kubona baronse ku gihe kibereye indemesho zishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Abitavye iryo hwaniro, bararemeshejwe ahanini n’igikino gishingiye kuri Bibiliya gifise umutwe uvuga ngo «Nuragize Yehova inzira yawe,» kikaba cerekana ibintu bisa n’ivyariko birabashikira. Vyongeye, abantu indwi barabatijwe kuri iryo hwaniro.

Dusenga dusaba ko abavukanyi n’abadada bo muri Sudani babandanya kwihanganira ivyo bihe bitoroshe kandi turashashaye igihe Yehova «[azo]hagarika intambara kw’isi yose.»​—Zaburi 46:9.